Umurwi Rukinzo volleball club w’igiporisi c’Uburundi ku ruhande rw’abagabo, hamwe n’umurwi Muzinga ku ruhande rw’abigeme, niyo yatahukanye ibikombe mw’ihiganwa ry’umupira w’amaboko Volley Ball ryabaye kur’uyu w’Imana, igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2018.
Accueil > Inkino > volley-ball
volley-ball
-
Volley Ball : Rukinzo mu bagabo na Muzinga mu bigeme zatwaye ibikombe vy’ihiganwa
16 avril 2018 -
Bujumbura : Urutonde rw’uko imigwi igiye guhura mu mahiganwa ya Volley ball
15 Rusama 2014Amahiganwa y’umupira w’amaboko mu gisagara ca Bujumbura (Championnat de Volley ball de Bujumbura) agiye gutangura mu mpera z’iyi ndwi.
Amahiganwa azotangura kuri uwo wa gatandatu igenekerezo rya 17 Rusama. Imirwi ihura uku gukwirikira:
Ku wa gatandatu hazohura imirwi ikwirikira:
12h : Rukinzo vs Rumuri
13h30 : Les As vs GLC
15h : Muzinga vs Amical
Ku w’Imana hazokina:
9h : Muzinga vs Spirou
10h30 : GLC vs New Colombe
12h : BUN vs Rukinzo
13h30 : Amical vs Rumuri
Tubibutse ko umurwi (...) -
Umurundikazi wa mbere yatowe nk’umuhagarikizi mpuzamakungu w’umupira w’amaboko
14 Ntwarante 2014Uburundi bugeze ku ntambwe ikomeye mu buhagarikizi bw’inkino. Nadine Nibigira aherutse gutorwa nk’umuhagarikizi wa mbere w’umurundikiza yinjiye mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rw’umupira w’amaboko Volley-ball.
Kuva kw’igenekerezo rya 03 Ntwarante gushika kw’igenekerezo rya 10 ukwo kwezi nyene, umurundikazi Nadine Nibigira yari yitavye ivyirwa vyariko bibera mu gihugu ca Kenya ku murwa mukuru Nairobi. Ivyo vyigwa vyari vyateguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rw’umupira w’amaboko (...) -
Umurwi wa Muzinga wirahiye umurwi wa "Bujumbura Uwezo wa Ndani"
10 Ruhuhuma 2014Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ry’i Bujumbura, ryarahejeje inkino zogusobanura imirwi izokwitaba amahiganwa yo ku rwego rw’igihugu. Umurwi wa Muzinga watanye mu mitwe n’umurwi wegukira «Mairie ya Bujumbura».
Ku kibuga kiri mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, ku munsi w’ejo w’Imana harabaye urukino rwahuje umurwi wa Muzinga n’umurwi wegamiye «Mairie ya Bujumbura» Bujumbura Uwezo wa Ndani «B.U.N». Urwo rukino ntirwari rworoshe n’agato kuko amanota yagenda abangabanganye. Urukino rwagiye (...) -
Umurwi nserukiragihugu wa volley ball ntaco wayaze i Kigali
5 Kigarama 2013Umurwi nserukira gihugu w’Uburundi mu mupira w’amaboko Volley ball, uherutse gutahuka uvuye mu mahiganwa y’urwo rukino yariko abera mu Rwanda, yahuza ibihugu bigize akarere ka gatanu (zone 5).
Mu kwitegurira ayo mahiganwa, tubibutse ko amashirahamwe y’umupira w’amaboko muri Africa (CAVEB) yarungikiye Uburundi umuhinga mu vyo kumenyereza umupira w’amaboko Volley ball. Yende Lavoisier, aturuka mu gihugu ca Cameroun, asanzwe amenyereza umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaboko wa Gabon, niwe yari (...) -
Bujumbura:Umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaboko buca uja gukina mu makungu
22 Gitugutu 2013Umurwi nserukira gihugu w’uwupira w’amaboko mu Burundi, uriko witegurira amahiganwa y’umupira w’amaboko azobera mu Rwanda ku magenekerezo ya 25 Munyonyo 2013 gushika kw’igenekerezo rya 1 Kigarama 2013.
Manirakiza Aloys arongoye umurwi w’ubuhinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko n’abakunzi bawo b’i Bujumbura (Association de Volleyball et Amateurs de Bujumbura (AVAB)), amenyesha ko uwo murwi uheruka kuronka uruhusha rwo kuzoja mu mahiganwa mpuzamakungu, azoba mu mwaka w’ 2014 aho bari mu Buganda ku (...) -
Muramvya : Ishirahamwe ry ‘urukino rw ‘amaboko volleyball ryavutse
3 Nyakanga 2013Umukino wa Volleyball usa n’uwari waribagiwe mu ntara ya Muramvya, abakunzi bawo bo muri iyo ntara bakaba baherutse gutanguza ishirahamwe ry’uwo mukino muri iyo ntara.
Bukeye i komine iri mu ntara ya Muramvya, niyo yiyumviriye gushinga ishirahamwe ry’urukino rwa volleyball muri yo ntara. Abakunzi b ‘urukino rwa volleyball bo mu ntara ya Muramvya nibo biyumviriye gutanguza iryo shirahamwe inyuma y‘imyaka myinshi bagira utwigoro. Vyari bibaje cane kubona urwaruka rwo mu ntara ya Muramvya (...) -
Volley ball : Muzinga yaraye itsinze mu rukino rwa nyuma
15 Mukakaro 2013Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko “ Volleyball “ mu Burundi baratunganije kuva kuwa 13 Mukakaro gushika 14 Mukakaro 2013 ihiganwa ryo gutanguza inkino nyezina zo muri uyu mwaka. Igikombe c’iryo higanwa kikaba catahukanwe na Muzinga atsinze Rukinzo mu rukino rwa nyuma.
Muri iryo higanwa ryabereye ku kibuga co kuri Département des sports, abakunzi ba Volleyball bari baje ari benshi kurorera urwo rukino hagati y’iyo mirwi ibiri yo mu gisagara ca Bujumbura isanzwe ari abakeba.
Mu gice ca mbere, (...) -
Uburundi bwatahukanye igikombe mu mahiganwa ya Volley beach
17 Ndamukiza 2013Uburundi bwatahukanye igikombe mu mahiganwa ya volley beach muri Namibiya
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Ndamukiza,mu nkino z’isi za volley beach mugishingo c’abakiri bato mu mwaka 2013.
Abarundi Briand Mugabowingabo na Yvan Bruce Dukundane nibo batahukanye intsinzi kuba kinyi ba Misiri nka Ahmed Farag na Abdelrahman Fayed mu gice canyuma. Izo nkino zikaba zabereye i Winedhoek muri Namibiya.
Ibihugu 5 vyari mu mahiganwa vyakurikiranye uku :
1.Burundi (Mugabowingabo\Dukundane) (...) -
Inkino zihuza ubushikiranganji butandukanye zaraye zisozerewe
23 Ntwarante 2013Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 22 Ntwarante, harasozerewe inkino zihuza imirwi yo mu bushikiranganji butandukanye. Mu rukino rwa basket-ball , ari na rwo rwasozereye, Ubushikiranganji bw’Ikigega ca Reta nibwo bwatahukanye itsinzi mu rukino rwabahuza n’Ubushikiranganji bw’inyigisho mu mashure matomato n’ayisumbuye. Urukino rwari ruteye igomwe nk’uko twabishikirijwe n’abarorerezi.
Ntivyari ibisanzwe ku kibuga ca basketball co kuri Parake nkuru. Abantu bari basidukanye n’iyonka, baje kwirabira (...)
0 | 10