Ihiganwa rya karate ku rwego rw’igihugu mu mwaka w’i 2014 ryararangiye, imidari yaratanzwe ku ba mbere. Imigwi igera kuri 8 yahiganywe.
Nk’uko amategeko y’urukino rwa karate ameze, ihiganwa riba imice myinshi: abakina urwo rukino barakina umwe umwe ivyo bita "Kata Individuel", barahiganwa ku biro (categorie Poids), hamwe no guhiganwa mu mirwi(combat par equipes).
Aba mbere muri iyo mirwi ni aba bakurikira:
1) Abahiganwa umwe umwe ku bakobwa(Kata individuel feminin):
1. Nikuze Nadia (...)
Karate
-
Abatwaye imidari mu rukino rwa karate mu mahiganwa y’urwego rw’igihugu
26 Munyonyo 2014 -
Burundi : Abanonotsi ba mbere muri karaté bari mu murwi Nderagakura
30 Ndamukiza 2014Umurwi ukina urukino rwa Karaté Nderagakura uzohimba imyaka 22 ubayeho. Muri iyo myaka bamaze kurangura ibitari bike harimwo imidari itari mike. Kuri uwo munsi hazoba n’ibibazo ryo guca umusipi kuri bamwe mu rwaruka ruri muri uwo murwi.
Ku w’Imana w’igenekerezo rya 04 Rusama, umurwi ukina karaté Nderagakura uzohimbaza umwaka ugira uwa 22 ubayeho. Kuri uwo munsi, inyuma y’ubugenene, imikangara yo mu Ngagara (ahazobera ivyo birori) izoca ikora ikibazo co guca imisipi (ceinture). Abo mu zindi (...) -
Abakinyi ba Tae Kwondo batahukanye imidari n’igikombe
1er Ndamukiza 2014Abakinyi b’urukino rwa Tae Kwondo baraye batahutse bava mu gihugu c’Ubuganda aho bari bitavye amahiganwa y’imirwi yavuye muri kano karere. Imidari itanu y’inzahabu n’igikombe nivyo batahukanye mu Burundi.
Kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante, abakinyi 7 b’urukino rwa Tae Kwondo bitavye inkino mu gihugu c’Ubuganda. Inkino zahuza imirwi 10 ivuye mu bihugu vya Kenya, Sudani y’epfo, Uburundi n’Ubuganda ari nabwo bwakiriye izo nkino.
Imidari y’inzahabu 5 n’igikombe nivyo umurwi w’Uburundi watahukanye. (...) -
Abakina urukino rwa karate baronkejwe imyimenyerezo
3 Ntwarante 2014Ishirahamwe ry’urukino rwa Karaté mu Burundi rwaratanguje ku munsi w’ejo kuw’Imana igikorwa co kwongereza ubumenyi no kurondera abakinyi b’urwo rukino bagomba kuja ku rundi rwego. Abakinyi bavuye mu zindi ntara z’igihugu bari baje. Umumenyereza n’umuhinga mvamakungu muri urwo rukino akaba ariwe yabaronkeje inyigisho.
Imikangara y’Uburundi ikina urukino rwa Karate yazindukiye mu kibanza kiri mw’ishuri ry’Abafaransa, aho basanzwe bagirira inkino canke imyimenyerezo. Abo bari muri ico kibanza bari mu (...) -
Uburundi buri mu bihugu bizokwitaba amahiganwa ya Judo
10 Nzero 2014Uburundi buri mu bihugu bizokwitaba amahiganwa mpuzamakungu y’urukino rwa Judo. Abakinyi bazokwitaba ayo mahiganwa baramaze kumenyekana, kandi n’imyiteguro yaraheze.
Ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 13 Nzero 2014 igihe c’isaha zitatu z’ijoro, abakinyi bazoserukira igihugu c’Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu y’urukino rwa Judo «Compétitions Internationales de Judo» bazokwurira indege izobashikana mu gisagara ca N’djamena mu gihugu ca Tchad ahazobera ayo mahiganwa.
Kwizera Fabrice, umwe mu bakinyi (...) -
Umukuru w’urukino rwa Judo kw’isi ari mu rugendo mu Burundi
21 Ndamukiza 2013Nicolas Messner wo muri FIJ ari mu rugendo i Bujumbura kuva kuri uyu w’Imana igemekerezo rya 21 Ndamukiza 2013. Messner akaba arongoye urukino rwa judo kw’isi.
Umushingantahe Messner akaba yatembereye ububiko bw’ibitabo bwo kw’ishuire ryisumbute rya Kinama,yagendeye kandi umurwi Dojo uri hafi y’ikibuga citiriwe Umuganwa Rwagasore hamwe n’inyubakwa y’ihuriro ry’urwaruka yo mu Gatumba hafi y’urubibe rwa Republika ya Congo.
Umukuru wa Judo akaba yashoboye gukurikirana urukino hagati ya Judokas y’i (...) -
Urukino rwa Taekwondo rwateye imbere mu Burundi
17 Nzero 2013Kumunsi w’imana igenekerezo rya 13 nzero uno mwaka turimwo niho haba amahiganwa y’urukino rwa Taekwondo,ayo mahiganwa akaba yabaye muntumbero yo kwakira Alain Prosper Nkurunziza, uwahoze aricegera c’uwarongoye federation ya Taekwondo akaba yari n’umumenyereza w’umugwi w’igihugu w’urwo rukino.Uwo mumenyereza akaba yaje ava mugihugu ca Dubai aho asigaye akorera.
Alain Prospere akaba yatashe azaniye akaganuke bagenzi be ba hano mu Burundi ako nako kakaba kari kagizwe n’ibisanzwe bikoreshwa muri (...)