IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Karate > Uburundi buri mu bihugu bizokwitaba amahiganwa ya Judo

Uburundi buri mu bihugu bizokwitaba amahiganwa ya Judo

vendredi 10 Nzero 2014

Uburundi buri mu bihugu bizokwitaba amahiganwa mpuzamakungu y’urukino rwa Judo. Abakinyi bazokwitaba ayo mahiganwa baramaze kumenyekana, kandi n’imyiteguro yaraheze.

Ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 13 Nzero 2014 igihe c’isaha zitatu z’ijoro, abakinyi bazoserukira igihugu c’Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu y’urukino rwa Judo «Compétitions Internationales de Judo» bazokwurira indege izobashikana mu gisagara ca N’djamena mu gihugu ca Tchad ahazobera ayo mahiganwa.

Kwizera Fabrice, umwe mu bakinyi bazokwitaba ayo mahiganwa, amenyeshako ko biteguye bihagije, kuko kuva umwaka utangura basanzwe bagira imyiteguro incuro zine ku kwezi. Ku kibazo kijanye n’ukuntu bagenzi babo boba batafashwe neza mu mahiganwa aheruka kubera mu gisagara ca Goma, aho batashoboye kuronswa imfunguriwe, Fabrice agira ati : "Ivyabaye i Goma ntibizodushikira kuko n’amahera y’impamba yaramaze gusohoka."

JPEG - 37.8 ko
Kwizera Fabrice

Manirakiza Valéry arongoye urwo rukino mu Burundi ari kumwe na Karabagega Paterne bazoherekeza abakinyi 4 batowe kuzoserukira igihugu.

Mwomenya ko itegurwa n’ishirwa mu ngiro ryayo mahiganwa ryafashijemwo n’urwego rw’urukino rwa Judo mu Burundi «Comité National Olympique», kandi bukazoba bubaye ubwa mbere Uburundi bwitaba ayo mahiganwa.

Abo bakinyi bazokwitaba ayo mahiganwa ni :

Mu bahungu

1. Kwizera Fabrice apima ibiro biri munsi ya 60 (-60Kg)

2. Wakabonye Abdoul Kalim apima ibiro biri munsi ya 66 (-66Kg)

Mu bakobwa

1. Ntahomvukiye Odette apima ibiro biri munsi ya 78 (-78Kg)

2. Kanyamuneza Signoline apima ibiro biri munsi ya 48 (-48Kg)

JPEG - 282 ko
hagati hari Ntahomvukiye Odette,Ahmed Rabie(coach)na Valery Manirakiza

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.