Umurwi nserukiragihugu w’igihugu ca Afrika y’Epfo mu rukino rwa Rugby Springboks witeguye kuja mu nkino z’isi zizobera mu gihugu c’Ubwongereza mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga,uragirizwa kuba udaserukira igihugu kuko ugizwe n’igitigiri kinini c’abazungu gusumba abirabure.
Ku bakinyi 31 bacaguwe ngo baserukire igihugu,umunani gusa nibo ari abirabure canke bafise urukoba rucanze rw’abirabure n’abazungu.Haraheze imyaka 20 haheze intwaro ya karyanisha miryango mu gihugu ca Afrika y’Epfo ariko,ikibazo (...)
Rugby
-
Afrika y’Epfo: Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Rugby yagirizwa gukumira abirabure
1er Nyakanga 2015 -
Rugby : Urwanda nirwo rwatahukanye igikombe mu rukino n’Uburundi
24 Ntwarante 2014Umurwi w’urukino rwa Rugby Rumuri wo mu Burundi waratanye mu mitwe n’umurwi w’urwo rukino userukira igihugu kibanyi c’Urwanda, hari mu nkino zo guhiganirwa igikombe c’inkino za kivandimwe .
Hari kuri uwu wa gatandatu w’igenekerezo rya 23 Ntwarante, aho umurwi wa Rumuri w’urukino rwa Rugby watana mu mitwe n’Umurwi nserukiragihugu, Rwanda Rugby Imbaraga mu Bumwe . Iryo higanwa ryari iry’urukino rwo guhiganirwa igikombe mu rukino rwa kivandimwe.
Aimé Nzitunga ni umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu (...)