IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Rugby > Rugby : Urwanda nirwo rwatahukanye igikombe mu rukino n’Uburundi

Rugby : Urwanda nirwo rwatahukanye igikombe mu rukino n’Uburundi

lundi 24 Ntwarante 2014

Umurwi w’urukino rwa Rugby Rumuri wo mu Burundi waratanye mu mitwe n’umurwi w’urwo rukino userukira igihugu kibanyi c’Urwanda, hari mu nkino zo guhiganirwa igikombe c’inkino za kivandimwe .

Hari kuri uwu wa gatandatu w’igenekerezo rya 23 Ntwarante, aho umurwi wa Rumuri w’urukino rwa Rugby watana mu mitwe n’Umurwi nserukiragihugu, Rwanda Rugby Imbaraga mu Bumwe . Iryo higanwa ryari iry’urukino rwo guhiganirwa igikombe mu rukino rwa kivandimwe.

Aimé Nzitunga ni umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, akongera akaba ajejwe n’iterambere muri urwo urukino, amenyesha ko urwo rukino rwateguwe mu ntumbero yo kuraba aho urugero ry’urukino rugeze mu Burundi. Ku bwiwe, arashima intambwe kuko mu nteguro y’urukino ntiyibaza ko Urwanda ruzana umurwi nserukiragihugu naho bitababaje abakinyi b’umurwi wa Rumuri kuko ari kivandimwe kandi ari kwipima. Aimé Nzitunga abandanya avuga ko aravye uko urwo rukino rwari rwifashe mu mwaka uheze, asanga barateye imbere.

JPEG - 41.7 ko
Aime Nzitunga

Ndayitanze Jean-Baptiste ni umuyobozi w’ubuhinga mw’ishirahamwe ry’urukino rwa Rugby mu Rwanda, amenyesha ko urukino rwa Rugby mu Rwanda rumaze gutera imbere kuko bamaze kwitaba inkino zitari nke zo mu makungu kandi rufise kazoza naho hari ibibazo vy’uburyo. Ndayitanze Jean Baptiste arashima inkino za kivandimwe kuko ziriko zifasha imyiteguro y’inkino mpuzamakungu zizobera mu Rwanda mu kwezi kwa Rusama.

JPEG - 1.1 Mo
Jean Baptiste Ndayitanze

Urwo rukino rwagiye kurangira ku ntsinzi y’umurwi Imbaraga mu Bumwe wo mu Rwanda ku manota 20 kuri 5 ya Rumuri.

Inyuma y’urukino umurwi w’Urwanda warahawe igikombe, maze barasangira n’urukanywa.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.