Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Inoti nshasha zatanguye gukoreshwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Burundi : Inoti nshasha zatanguye gukoreshwa

Burundi : Inoti nshasha zatanguye gukoreshwa

jeudi 30 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Inoti nshasha zatanguye gukora guhera kuri uno wa gatatu, izo nazo zikaba zakozwe mu ntumbero yo kurwanya bamwe bakora ubusuma mu kuzigana, vyashikirijwe na Yohani Ciza umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu.

JPEG - 56.3 ko
Yohani Ciza arongoye ibanki nkuru y’igihugu BRB

Nk’uko twari twabibamenyesheje izo noti akaba ari izi ibihumbi icumi(10000) ifise ibara ry’umuhondo, ibihumbi bitanu(5000) ifise ibara ry’ubururu bw’igicu, ibihumbi bibiri(2000) ni rose claire, hamwe n’inoti y’amajana atanu(500) nizo zahinduwe uburyo zikozwe. Izo noti rero zikaba zatanguye gutembera guhera kuri uno wa 29 Ndamukiza. Ikindi amenyesha n’uko n’inoti y’igihumbi ikaba izohindura mu mezi make ari imbere. Inoti z’amafaranga ijana nayo (100fbu)ikazoca isubirirwa n’ibiceri. Tubamenyeshe kandi ko n’ibiceri vy’ifaranga rimwe gusa, hamwe n’amafaranga cumi(10f) nayo agiye kuboneka muri ino minsi ine gusa.

Umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu yasiguriye abamenyeshamakuru ko iyo inoti zishaje n’ingoga bituma basohora uburyo butari buke bwo gukoresha izindi mu makungu, ari naco gituma, ahamagarira abarundi gufata neza izo noti zishasha mu kuzibungabunga no kuzibika neza mu kwirinda kuzipfunya(plier) kabiri.

Mu gihe c’amezi atatu bise ‘’double circulation ‘’niho abanyagihugu bazoza baguza inoti za kera bakabaha zishasha mu vyo bazoba bariko baragura canke mu ma banki yose ari mu gihugu. Ico kiringo ni cahera , izo noti za kera zizoca zivanwa mw’ibarabara uwukeneye kuguza akazoja mw’ibanki nkuru ya Republika gusa canke ku biro vy’iyo banki biri hagati mu gihugu. Tubamenyeshe kandi ko izindi noti zisigaye zizobandanya zikoreshwa gushika aho nazo zizohindurwa, nk’uko mw’ibanki nkuru y’igihugu babimenyesha.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.