Accueil > Ubutunzi > Imiriyaridi 65,86 z’amarundi umwimbu w’ikigo OBR mu kwezi kwa (...)
Imiriyaridi 65,86 z’amarundi umwimbu w’ikigo OBR mu kwezi kwa Nyakanga
dimanche 5 Gitugutu 2014
Amafranga agera ku miriyaridi 65,86 niyo yatojwe n’ikigo OBR muri kuno kwezi turangije kwa Nyakanga ,kuyari yategekanijwe gutozwa hakaba haburako amafranga agera ku muriyaridi 0,74 amafranga y’amarundi.
Mw’itangazo ryasohowe n’ikigo OBR ryatewe ko igikumu n’umukuru w’ikigo OBR Domitien Ndihokubwayo, ryerekana ko kuyo bari bategekanije gutoza haburako igice 1,12 kw’ijana. Ariko rero n’ubwo umwimbu bari bategekanije kwegeranya atariwo wabonetse ,ugereranije n’ico kiringo nyene mu mwaka uheze w’ 2013, umwimbu wariyongereyeko kuko mu mwaka uheze bari batoje imiriyaridi 57,76 gusa ,ni ukuvuga ko hiyongereyeko ibice 14,02 kw’ijana. Umuntu ashize hamwe umwimbu wose washoboye kuboneka guhera mu ntango z’uno mwaka w’2014 ,ni amafranga angana n’imiriyaridi 464,08. Ayo mafranga ararenga kandi ayatojwe muri ico kiringo nyene mu mwaka uheze ,hakaba hiyongeyeko ibice 10,14 kw’ijana.
Umuntu agereranije n’ayagiye aratozwa muri ico kiringo nyene guhera mu ntango z’umwaka gushika mu kwezi kwa Nyakanga,ibiharuro bigaragaza ko umwimbu wagiye wiyongera aho wavuye ku miriyaridi 352,446 mu mwaka w’2011 muri 2014 hakaba hatojwe imiriyaridi 464,08 amafranga y’amarundi.
Floxella Karire
Messages
6 Gitugutu 2014, 04:07, par Aaron
Twashaka ahubwo mutubwire kuva aho yinjiriye ko hari akarusho yagize gasumba abo yasubiriye kugira tubone ko hari akarusho nanarirya yasubiriye umuzungu hama abarundi nabo tukaba tuzi ko ari ba kaboko babanza kwuzuza imifuko yabo ibindi bikazamu nyuma. Muradutohoreza inkuru kandi ico ni ikintu gihambaye kugira turabe ko bayihaye umurundi ko ibintu bidaca bisubira inyuma.