Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBR yahinduye icivugo hamwe n’ingingo ngenderwako zigenga abakozi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OBR yahinduye icivugo hamwe n’ingingo ngenderwako zigenga abakozi

OBR yahinduye icivugo hamwe n’ingingo ngenderwako zigenga abakozi

jeudi 22 Nzero 2015

Imiriyaridi amajana indwi na miringo ibiri n’ibice munani y’amarundi (720,8 milliards, ni yo ategerezwa gutozwa n’ikigo OBR muri uno mwaka w’2015, nk’uko bishikirizwa na Domitien Ndihokubwayo arongoye ico kigo. Ico kigo kandi cahinduye icivugo caco hamwe n’ingingo ngenderwako zigenga abakozi.

Ivyo bikaba vyashikirijwe kuri uno wa 22 Nzero, mu gihe ico kigo cari kiramutse gishira ahabona ivyaranguwe mu gice ca kane c’umwaka urangiye w’2014, n’ivyo bagiye kurangura muri uno mwaka w’2015.

Muri ayo mezi atatu rero ikigo OBR, kikaba cashoboye gutoza amafranga agera ku miriyaridi 191,3 z’amarundi , ku miriyaridi 126,7 z’amarundi zari zitegekanijwe gutozwa. Mu mwaka w’2013 , OBR yari yatoje amafaranga ashika ku miriyaridi 649,8 z’amarundi mu gihe muri uno mwaka turangije w’2014, yatoje amafaranga agera ku miriyaridi 655,8 y’amarundi. Mu bindi bikorwa vyakozwe n’ico kigo, hakaba harimwo kurwanya urudandazwa rwa magendu, amafaranga agera ku miriyaridi 438,9 niyo yashoboye kugarura. Muri ico kigo kandi, baragize impinduka nyinshi akarorero nimero amajana atanu 500,uwuyihamagayeko ata mafaranga imutwara . Mu bindi vyaranguwe n’uko bashoboye gushiraho umuvugizi w’ico kigo.

Muri uno mwaka naho amafaranga agera ku miriyaridi 720,8 vy’amarundi, akaba ariyo yategekanijwe kuzotozwa nk’uko biri mw’integuro y’itegeko rigenga amafaranga Reta ikoresha. Kugira babishikeko ,umuyobozi w’ikigo OBR, amenyesha ko bazofata intumbero zitandukanye, hari ibifasha gutoza ayo mahera , hamwe no kuvugana n’abasanzwe babafasha kugira bashobore gushiraho ubuhinga bwa none bwo gutoza amakori n’amatagisi.

Mu migambi yindi bazobandanya barondera uburyo bwo kurondera aho bakorera habo, hamwe no gushiraho imigambi irashe yo kurwanya igiturire n’urudandazwa rw’amagendu n’ibindi. Umukuru w’ikigo OBR amenyesha ko bazogerageza kukirwanya n’ubwo kugituza burundu bigoye, mbere ku bivugwa ko muri ico kigo nyene hoba hari abakozi bafise ako kageso, Domitien Ndihokubwayo ntabihakana ariko rero, ngo bariko bararaba imigambi boshiraho kugira ivyo kurya ibiturire bituzwe mu bakozi ba OBR.

Tubamenyeshe ko icivugo c’ico kigo cahinduwe ‘’Ni duhimbarwe no gutanga intererano yo kwubaka igihugu cacu’’, kikaba casubiriwe na ‘’Ndahimbawe no gutanga itererano yubaka igihugu c’ Uburundi’’. Imvo nyamukuru zatumye bahindura ico civugo nk’uko bimenyeshwa na Domitien Ndihokubwayo , ni uko duhimbarwe hari abaca bikika nyuma ntibatange, bashaka rero ko bose biyumvamwo, mu kuvuga naho igihugu c’ Uburundi, n’uko atari abarundi bonyene gusa batanga intererano n’abanyamahanga bakorera hano mu Burundi baratanga intererano. N’amategeko agenga abakozi yahinduwe ayo nayo akaba arikugira birinde ko hari abakozi bohava bitiranya imirimo yabo n’ibikorwa vya poritike nko kwiyamamaza n’ibindi, ayo mategeko nayo akazobagenga imbere y’amatora no mu matora nyezina.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.