IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > ABS &ANSS : Abanywa ibiyayuramutwe bakwiye gufatwa nk’abarwayi

ABS &ANSS : Abanywa ibiyayuramutwe bakwiye gufatwa nk’abarwayi

lundi 26 Ruheshi 2017

Ishirahamwe ABS rifadikanije n’ishirahamwe ANSS yahimbaje kuri uno wa mbere igenekerezo rya 26 Ruheshi 2017, umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ibiyayura mutwe hamwe no gufasha abo bimaze gusinzikaza, umunsi wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi uko umwaka utashe .

Emile MANISHA arongoye igiporisi c’inyamiramabi yavuze ko amategeko ahana uwariwe wese anywa ibiyayuramutwe, kandi ko ayo mategeko abitegekanya abandanya ahinyanyurwa kugira afashe guhana abanywa ibiyayuramutwe, ariko ko bazofasha umuntu yafashe ingingo zo guheba kunywa ibiyayuramutwe na cane cane mu gushigikira ibikorwa vya ABS isanzwe ikora mu gufasha abanywa ibiyayuramutwe kugira babihebe burundu.

Muganga Innocent NKURUNZIZA arongoye igisata kijejwe kugwanya indwara ngendanwa ariko zitandukira yavuze ko abantu bashika imiriyoni 300 kw’isi aribo banywa ibiyayuramutwe, abashika ku 250000 nabo bagira ingaruka nyinshi zitewe n’ibiyayuramutwe.

Muganga Innocent NKURUNZIZA yavuze ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA mu mugambi bwihaye wo gufasha abanywa ibiyayuramutwe, ko mu mwaka wa 2023, abafise iyo ngorane bazoba bamaze kugabanuka gushika ku bice 80 kw’ijana.

Uwaserukiye urunani rw’abasanzwe bakoresha imiti nkaburabwenge (ibiyayuramutwe), Eric DEBEGERI, yamenyeshe ko ukunywa ibiyayuramutwe ari kimwe mu bituma bandura umugera wa Sida.

Bamwe mu basanzwe banywa ibiyayuramutwe bamenyesha ko bituma bandura indwara, gushurashura, kwiba, ukwononekara kw’amahaha n’ubwongo, hamwe n’ugutandukana n’imiryango yabo. Bagasa ko bokwitabwaho kugira bavugwe kuko bashobora kugira akamaro ku gihugu.

Mwomenya ko uwo musi wahariwe kurwanya ibiyayuramutwe wahimbajwe ku civugo: “ Inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso.”


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Ndabaramukije,sinipfuje guhanisha ariko naira menyeshe ko umuti uhari ku bantu bipfuza guheba itabi n’ibiyayuramutwe. Uwo muti ni umwe kandi ugira umare imyaka ibiri uriko urafasha. Kubiyayuramutwe abawukoresha benshi ubasanga mu gisagara ca Bujumbura. Twagomba guterera ariko ntituri abagiraneza. La marque de notre produit est enregistré au Ministère du Commerce. Extrait des végétaux et conditionné par une équipe d’ingénieurs. Dr n Innocent nous connait assez bien. Plus de détails nimwaba muvyiphuza. Mugire amagara azira itabi n’urumogi. Murakoze. 257 31 034 955 et 257 69 850 557

  • nne gabasha twokoriki kugira bituzwe burundu??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.