IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > ’’ Nta kiza ca Malariya kikiri mu Burundi’’ :-Muganga Josiane NIJIMBERE

’’ Nta kiza ca Malariya kikiri mu Burundi’’ :-Muganga Josiane NIJIMBERE

vendredi 19 janvier 2018

Muganga Josiane NIJIMBERE avuga ko ibiharuro vy’urugero rw’indwara ya Malariya muri kino gihe vyerekana ko biri musi y’ibiharuro vyitwa ko ari ikiza “Seuil epidemique ” ari naco gituma ubu ata kiza kiriho mu gihugu.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida amenyesha ko naho bahanganye bikomeye mu kurwanya iyo malariya yari yabaye ikiza, ko igikuru mu kuyirwanya ari ukwipfuka umusegetera urimwo umuti wica imibu,gukura ibinogo vyose aho imibu ishobora kuvyarira hamwe no gukura ivyatsi hafi y’ingo.

Ubwo bushikiranganji butera akamo uwo wese aba abonye ibimenyetso vy’iyo ndwara kunyarukira ku bitaro kugira yivuze.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.