IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ishirahamwe OMS riragabisha ko marariya itariko irarwanywa ku rugero (...)

Ishirahamwe OMS riragabisha ko marariya itariko irarwanywa ku rugero rushimishije

mercredi 25 avril 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko mu mwaka wa 2016, Maraliya yahitanye abantu bababa ibihumbi amajana atanu, benshi muri abo bakaba baba mu bihugu biri munsi y’ubugararwa bwa Sahara.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko, kuva mu mwaka wa 2000 gushika mu mwaka wa 2015, bivugwa ko habaye utwigoro twinshi mu kugwanya malaria, abapfa baragabanuka gushika ku bice 48%, naho mu mwaka wa 2016 vyaciye bihagarara, kuko imibu imaze kumenyera imiti ipompwa mu misegetera.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, risaba ibihugu kudafata minenerwe ingwara ya malariya, bikarwiza umwete mu gukinga no kuvura iyo ndwara.

Ishirahamwe mpuzamakungu OMS, rigasigura ko, mu gihe abafatwa bashobora gushika imiriyoni 200 kw’isi, iyo ndwara iragira ingaruka zikomeye ku miryango, abanyagihugu no ku butunzi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.