IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwemeje ko malaria ari ikiza mu (...)

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwemeje ko malaria ari ikiza mu Burundi

lundi 13 Ntwarante 2017

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA bwemeje kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ntwarante ,umwaka wa 2017 ,ko indwara ya malaria yibonekeza mu bice bitandukanye vy’igihugu ari ikiza.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, muganga Josiane NIJIMBERE amenyesha ko kuva mu mpera z’ukwezi kwa kigarama,umwaka wa 2016 gushika mu kwezi kwa Ntwarante umwaka wa 2017,abantu amajana indwi aribo bitavye Imana bahitanywe n’indwara ya Malaria.

Muganga Josiane NIJIMBERE amenyesha ko abantu imiliyoni zitanu barwaye indwara ya malaria kuva mu mwaka wa 2016.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA bumenyesha ko imiti iriho ariko ku rugero rudashimishije, avuga ko babandanya kwumvisha abanyagihugu ko bakoresha imisegetera irimwo umuti mu kwikingira iyo ndwara.

Mu kwezi guheze kwa kabiri, ubushikiranganji bwamenyesheje ko hataragera ko indwara ya malaria ifatwa nk’ikiza mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Erega ntaciza c’abicanyi,ntaco DD itazanye,Malaria n’inzara bimaze Abarundi,akari inyuma karahinda,na bado

  • Ntamfashanyo ONU na UNION EUROPEENE irota ibaha,abanyagihugu bakunda ubuzima bwabo nibahungire muri Tanzania canke mu Rwanda imiti iruzuye,imbonerakunya nabagumyabondo malaria ibereke.

  • mbega mwebw muvuga ivyo mwishakiy ntimuri musi yijuru?ahubwo kagame wanyu ni Imana yanyu?urusengera mukaso rugatwara nyoko!!akari mumpene niko kari no muntama

  • Eka mwavuze ko mwikwije none malaria ibabanye ikiza kubera iki?ni pantalon mwambaye muzozigurisha rindira tuu,ntamfashanyo barota baha nkurumbi nakarwi kiwe kinyeshamba.

  • Irashaka itere kuva nakera amapfa n.ivyaduka vy.ingwara vyaramyeho kuva isi iremwa naza ebola zaraje ziragenda ntamvura irwa idahita.naho mwovuganninyo zikabafasha hatemba hamanuka,mwavuga ayamuhe mwareka twebwe ntituzopfa twidoze mbona kuntwaro zigihima u ubufuni aribwo bwavuga gusa kandi ubuzima bukabandanya ataco mwinona.murakasazira mw.izo ntete nakare muri intarima mwumve ico twari twabasize.mwoshaka mwotaha cank.mukemera mugatwarwa mwa mburabwengemwe!

  • Mututohoreje Mubona Kobiterwaniki?

  • Mbegako,iryanino,marariya,ibitaro,vyuzuye,nta,mitimishasha,iraboneka?ko,imiti,umuntu,yifata,ntihagire,igihinduka,imiti,riho,niyihe,mwoha,icizere,abantu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.