Ubukene bw’inkwi bwari bumaze iminsi bwugarije abanyagihuguba Mayanza muri komine ya Kinyinya intara ya Ruyigi, bwahagurukiwe n’abanyagihugu b’iyo komine.
Abanyagihugu rero bo kuri uwo musozi wa Mayanza, bakaba baciye bafata umugambi wo kuja mw’ishirahamwe ryo kurwiza ibiti ku misozi, iryo shirahamwe ryabo rikaba ubu rifashwe mu mugongo n’ikigega c’Ububirigi kijejwe umutekano w’ibifungurwa. Nk’uko abari muri iryo shirahamwe ku musozi wa Mayanza babivuga, amatuta y’ibiti bigera ku 39700 aramaze (...)
Accueil > Ibidukikije > Ibiti
Ibiti
-
Kinyinya : Abanyagihugu bijukiye gukingira ibidukikije
8 Nzero 2015 -
Jadot Nkurunziza : Ibiti imiriyoni 52 nivyo bimaze guterwa mu gihugu cose
9 Kigarama 2014Urwaruka ruri mw’ishirahamwe "Abagenzi b’Iterambere" bariko bashira mu ngiro umugambi wo kwambika ibiti imisozi yose hamwe n’ibisagara vy’Uburundi. Intumbero ni gukingira ibidukikije, ugushariza ibisagara, gutera ivyama hamwe n’ugutegurira ikirere ciza kazoza k’Uburundi.
Jadot Nkurunziza umwe mu rwaruka rwitanga mu gukingira ibidukikije, avuga ko umugambi wo gutera ibiti yawutanguye kuva kera. Akwiragiza ibiti bifata isi mu gukinga inkukura, ibiti vyo gushariza ibisagara akoresheje amashurwe, (...) -
Makebuko : Ingingo yo gutanga ihadabu y’ibihumbi 200 iriyamirizwa n’abanyagihugu
17 Ruheshi 2014Abanyagihugu bo muri komine ya Makebuko barababajwe n’ingingo nshasha ibasaba kubanza kumenyesha abajejwe intwaro n’ibidukikije, imbere yo gutema ibiti biri mu matongo yabo, co kimwe n’ibindi biri mu bitara vya Reta, canke bagatangishwa ihadabu.
Abo banyagihugu bo muri zone Maramvya umusozi wa Musave komine ya Makebuko mu ntara ya Gitega, bakavuga ko badatahura ingene abajejwe kurwanya ibiturire mu ntara za Gitega na Rutana, bamenyesha ko uwuzofatwa wese yatemye ibiti adakurikije amategeko (...) -
Ibidukikije birabangamiwe mu ntara ya Bururi
27 Ruhuhuma 2014Buramatari w’intara ya Buriri umupfasoni Gloriose Nimenya, asabwa gukora ibishoboka, ndetse no gutanga itegeko ryotuma ibitara vya Rumonge-Vyanda na Kigwena bikingirwa nk’uko bishikirizwa na Mamert Sabushimike, umuyobozi w’abagenzi b’ibidukikije.
Mamert Sabushimike, asaba ko buramatari atanga itegeko ku bayobozi b’intwaro kuva ku mitumba kugira bafashe abakozi ba INECN basanzwe bari mu bakingira ibidukikije. Ayo mashamba akaba ubu yoba abangamiwe n’abantu bayonona, mu gihe hari n’abandi boba (...) -
Burundi : Abahora bashora UMUVYI mu Rwanda no mu Buganda bakenyerewe
29 Nzero 2014Mu rugendo umushikiranganji wo gukingira ibidukikije yagize mu ntara ya Kirundo ari kumwe n’abari baserukiye ubushikiranganji bw’intwaramiheto, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubw’umutekano, yamenyesheje ko igiti citwa ’’UMUVYI’’ (Osiris lanceolata ) kigiye gukingirwa bimwe biboneka, nayo abagica bakagishora bidakurikijwe amategeko mu bindi bihugu, batagiye kwihanganirwa.
Ico giti gisanzwe kiri mu ntara za Muyinga, Kirundo, Cankuzo n’agace ka Rutana, umushikiranganji Jean (...) -
Abaca igiti “Osyris lanceolata” kivamwo parfums bidaciye mu mategeko bagabishijwe
15 Nzero 2014Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bwayo buraba ibidukikije yagabishije abaca igiti citwa “Osyris lanceolata” batabirekuriwe n’amategeko. Osyris lanceolata n’igiti kimota, cama kandi kigakurira ahantu hari ibibuye mu mashamba yumye, ku mugabane wa Afrika, bagikuramwo amavuta.
Ubwoko bw’ico giti babusanga ahanini mu bihugu biri muri Afrika y’Ubuseruko na cane cane Tanzaniya, Kenya n’Ubuganda. Na hano mu Burundi igiti Osyris lanceolata kikaba kihama. Ico giti Osyris lanceolata, (...) -
Burundi : Ihimbazwa ry’umunsi wahariwe igiti
15 Kigarama 2013Umunsi wahariwe igiti warahimbajwe mu Burundi kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Kigarama. Ibirori vyo kuwuhimbaza bikaba vyabereye mu ntara za Cibitoke, Bubanza, Kirundo, Ngozi na Bujumbura. Abarongozi b’igihugu, uhereye ku mukuru w’igihugu nyene icubahiro Pierre Nkurunziza, bakaba bifadikanije n’abenegihugu bo mu mihingo itandukanye y’Uburundi.
Mu guhimbaza uwo munsi, nyene icubahiro Pierre Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, yifadikanije n’abenegihugu bo mu ntara ya Cibitoke na (...) -
Abanyagihugu basabwa kwijukira gutera ibiti vyinshi
8 Ruheshi 2013Umushikiranganji w’ibidukikije arakenguruka ibikorwa vyaranguwe n’ubushikiranganji bw’ibidukijije mu kiringo c’amazi atandatu twarangije.
Epimaque Murengerantwari, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji amenyesha ko imigambi yaranguwe ari iyo gukenguruka. Ku kibazo c’amazi arenga inkombe akonona amabarabara rimwe na rimwe n’amazu akabomoka, mu bushikiranganji bw’ibidukikije bamenyesha ko bafashe mu minwe ico kibazo, ko bariko barakora ibishoboka naho bahora bahura n’ikibazo c’uburyo (...) -
Umugwi Rotary Club warateye ibiti muri commune Gihosha mugisagara ca Bujumbura
19 Kigarama 2012Umugwi Rotary Club w ’i Bujumbura ngo urajwe ishinga nuko abarundi bose boronka aho baba heza , ivyo babigaragaje mukwifatanya n’abanyagihugu bo mu gihosha guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe igiti , wahimbajwe kwigenekerezo rya 15 Kigarama 2012 ; uwo musi ibiti biri hagati y’1000 na 1500 bikaba vyaratewe .Bakaba bafatikanije n’abanywanyi ba croix rouge.
Nkuko uwurongoye Rotary Club Willy Rubeya yabimenyesheje abamenyeshamakuru ,ngo ibidukikije biri mubintu bikuru bikuru bituma abarundi (...)