IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Igisata c’ingenzi > Imigenderanire y’Uburundi na Turkia igiye gukomezwa

Imigenderanire y’Uburundi na Turkia igiye gukomezwa

dimanche 18 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu rugendo yakoze mu gisagara ca Ankara, mu gihugu ca Turkia, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé NYAMITWE yabonanye na mugenzi we Mevlut Cavuoglu ajejwe imigenderanire ya Turkia.

Muri uwo mubonano, abo bashikiranganji bompi barateye imikono ku masezerano y’ugufashanya mu bisata bitandukanye, cane cane uburimyi.

JPEG - 21.7 ko
Umushikiranganji Alain Aime NYAMITWE ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ari kumwe na Mevlut Cavuoglu ajejwe imigendera ya Turkia

Umushikiranganji Cavuoglu yamenyesheje ko igihugu ca Turkia citeguriye gukomeza ubucuti bwaco n’Uburundi, hamwe n’ingendo zikorwa mu Burundi, biciye kw’ishirahamwe Turkish Airlines ryunguruza abantu n’indege.

Uwo mushikiranganji Cavuoglu yamenyesheje ko igihugu ca Turkia kigiye gukora ibishoboka vyose kugira Uburundi butere imbere, n’ingorane Uburundi burimwo zitorerwe inyishu.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.