Accueil > Annonce > AKAMO K ‘ABAKOZI B’ISHIRAHAMWE TEMPO AFRICELL
AKAMO K ‘ABAKOZI B’ISHIRAHAMWE TEMPO AFRICELL
jeudi 12 Ntwarante 2015, par
Nyakubahwa Mukuru w’igihugu c’uburundi.
Twebwe abakozi b’ishirahamwe Tempo Africell, turi n’iteka ntangere ryo kubitura tubamenyesha y’uko twaguye mu gahundwe twumvise itangazo ryasohowe n’ishiramwe ARCT rivuga ukwugara umuhora wo gutumatumanako,
Twashaka kubamenyesha y ‘uko twatangajwe niryo tangazo ritajanye n’ukuri kukuntu ishirahamwe ryacu ribayeho,
Mu myaka 15 rimaze rikora neza mu burundi kandi risahiriza ubutunzi n’iterambere ry ‘igihugu cacu,turashobora kwemeza ata nkeka ko ryagize ico rimaze muguteza imbere igihugu bimwe biboneka,
Biradutangaje twebwe abakozi kwumva ko rigomba kwugara umuhora wa GSM natwe tutigeze tubimenyeshwa n’inzego zirongoye ishiramwe,
Nyakubuhwa Mukuru w’igihugu, twashaka kubamenyesha ko tubajije inzego ziturongoye zatwemereye yuko zikeneye kuguma zikorera muri ico gisata ngaha mu burundi, mugabo ko ibiganiro bagiye baragiriranira na ARCT hagiyemwo inzitizi zatumye gushika ubu ataco bashikako,
Nico gituma, Nyakubahwa Mukuru w’igihugu tubasavye ko mwoshiraho urwego rwo kuvugana idonido ukuntu iryo shiramwe ryo guma rikorera ngaha mu burundi,
Nyakubahwa Mukuru w’igihugu, ishirahamwe Tempo AFRICELL ritunze abakozi benshi (barenga ijana) hamwe n’imiryango y’abo.
Nico gituma, tubituye tubizigiye nk’uko muri Sebarundi ko mwoshobora kudutunganiriza. Tukaba tubaye turabashimira.
IGIHE
Messages
12 Ntwarante 2015, 15:22, par mata
ahubwo baratevye ntimizi ico babahora hari uwuribwa nisato ngo yitware ku ncira .
iko ndamuzi ntaco azobafasha. IMANA YONYENE NIYO TWIZIGIYE .
3 Ndamukiza 2015, 16:12, par karemerwa
Imana izobikora
baryugurure natwe
tempo yadufasha cane