Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Big Fizzo, Lolilo na Dj Bisoso bavuga iki kuri Primusic? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Big Fizzo, Lolilo na Dj Bisoso bavuga iki kuri Primusic?

Big Fizzo, Lolilo na Dj Bisoso bavuga iki kuri Primusic?

samedi 21 Nyakanga 2013

Ihiganwa rya Primusic rihuza abaririmvyi bavuye mu ntara zose z’ Uburundi, rimaze kurangira abantu benshi bagiye barashikiriza ivyiyumviro vyabo uko baribonye, akamaro ryoba rifitiye abaririmvyi, mbere ntibibagiye no kugira ico bashikirije kuri tumwe mu tunenge twibonekeje. Kuri ivyo rero, Fizzo, Lolilo na Dj Bisoso bakaba barayagiye ikinyamakuru IGIHE, ico Primusic rifasha abaririmvyi.

Big Fizzo avuga ko imbere ya vyose abanza gushimira ihiganwa Rya Primusic kuko we azi ico rimumariye kugiti ciwe. Avuga ko iyo aje i Burundi yumva anezerewe cane, na cane cane ko aba aje aho yavukiye. Avuga ko ashimira ihiganwa rya Primusic kuko ari ryo ryamutumiye avuye iyo asanzwe aba mu gihugu c’Ubufaransa. Amenyesha rero ko Primusic imariye abaririmvyi ibintu vyinshi na cane cane ko Primusic riha inguvu, abariririmvyi ku guma bitegura kugira bashobore kwitegurira kuja mu mahiganwa. Asaba ayandi mashirahamwe ko yokwita ku muziki nka Brarudi, kuko no mu bindi bihugu abaririmvyi batezwa imbere n’amashirahamwe yigenga.

Ku bwa Lolilo, avuga ko iryo higanwa rifise akamaro gakomeye ku baririmvyi kuko rimenyekanisha abatari bazwi, rigatuma abamenyekanye baca baguma batera intambwe mu muziki wabo.

Dj Bisoso umunyarwanda azwi cane mu kumenya ibijanye n’umuziki mu Burundi, mbere no mu Rwanda, avugako iyo agereranije Primusic ya hano na Primus Guma Guma Super Stars yo mu Rwanda, aca asanga bimeze uku :

Muri Primusic yo mu Burundi, abakunzi bakurikirana umuntu abishoboye kandi asumvya abandi ubuhinga, nayo mu Rwanda iyo umuntu agukunda, naho wovyica, ukabigira nabi akuguma inyuma gushika uronke igikombe nawe. Avuga ko nk’iyo ihiganwa ryo mu gihugu c’Uburundi rya Primusic riba ririmwo amafaranga menshi, riba rimeze neza kuruta iryo mu gihugu c’Urwanda, kuko iryo mu Burundi rifasha mu kuduza abaririmvyi bato bakamenyekana, mu gihe iryo mu Rwanda riguma riduza abasanzwe bazwi.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.