IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ihayanishwa > CAPAD : Ihayanisha-gurisha ku civugo : « Uburimyi, umwuga wanje (...)

CAPAD : Ihayanisha-gurisha ku civugo : « Uburimyi, umwuga wanje »

jeudi 29 Myandagaro 2013

Urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi CAPAD (Conféderation des Associations des Producteurs Agricoles pour le Développement) rwatunganije kuva ku munsi w’ejo kuwa gatatu, ihayanisha-gurisha ry’ibidandazwa bivuye mu burimyi n’ubworozi mu ntumbero yo guhesha agaciro ibikorwa vy’abarimyi n’aborozi.

Muri iryo hayanisha-gurisha ririko ribera ku kibuga c’umupira w’amaguru co mu Nyakabiga (Lycée Scheppers), hatumiwe amashirahamwe y’abarimyi n’aborozi yo mu gihugu cose, bakaba bariko bashira ahabona ivyavuye mu mwimbu wabo, nk’ibiterwa mbumbarugo hamwe n’ibihingurwa muri ivyo biterwa hisunzwe icivugo « Uburimyi, umwuga wanje. »

Annicet Nduwimana, ajejwe gutunganya ibikorwa mu runani CAPAD amenyesha ko iryo hayanisha-gurishwa ryateguwe mu ntumbero yo guhesha agaciro ibikorwa vy’abarimyi kuko bitanga akarusho mu kurwiza umwimbu. Ivyo navyo bigafasha umurimyi kubeshwaho n’umwuga wo kurima.

JPEG - 42 ko
Annicet Nduwimana, ajejwe gutunganya ibikorwa mu runani CAPAD

Hambavu y’iryo hayanisha-gurisha, Annicet Nduwimana amenyesha ko hateguwe inganda zigamije kwungurira ubwenge umurimyi. Muri izo nganda, abashoye ibidandazwa, abari mu mashirahamwe y’abarimyi, abaserukira amabanki atanga ingurane bazohanahana ivyiyumviro ku ngorane zikikije igisata c’uburimyi. Mu runani CAPAD bakipfuza ko inyuma y’ivyo bikorwa abarimyi, abaserukira amahinguriro n’abashakashatsi boba bashobora gukorera hamwe mu kurondera uturusho n’inyishu ku ngorane bahura nazo.

Mwomenya iryo hayanisha-gurisha ry’ivyavuye mu mwimbu w’abarimyi n’aborozi rizohera ku munsi wa mbere igenekerezo rya 2 Nyakanga 2013.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.