Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Heavenly Melodies yasohoye icese DVD “Jesus is King” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Heavenly Melodies yasohoye icese DVD “Jesus is King”

Heavenly Melodies yasohoye icese DVD “Jesus is King”

lundi 5 Myandagaro 2013

DVD y’urukurikirane “Jesus is King” rw’umurwi Heavenly Melodies yaraye ishizwe ku mugaragaro ku mugoroba w’uyu w’Imana. Akaba ari amasanamu y’igiteramo uwo murwi wagize mu kwezi kwa Ntwarante kw’uyu mwaka.

Igiteramo co gushira icese ku mugaragaro amasanamu y’urukurikirane “Jesus is King” cabaye ku mugoroba w’uyu w’Imana twaraye turangije. Umurwi wa Heavenly Melodies ukaba warabiciye biracika ku ndirimbo zo kuninahaza no gutazira Imana. Uwo murwi ukaba wararirimvye zimwe mu ndirimo 12 zigize urwo rukurikirane eka ndetse nizindi. Mu kibanza ca Odéon Palace ahabereye ico giteramo, abantu bari bakubise harazima. Ku mudiho uryohoye wariko uravuzwa, abaraho ntibahengeshanije kuririmba, kuninahaza no gutazira Imana kumwe n’umurwi urongowe na Fabrice Nzeyimana.

Fabrice Nzeyimana akaba yarashimiye cane abantu bamufashije cane kuva agitangura uyo nzira yo kuririmbira Imana. Akaba yarashimiye cane umuririmvyi Appolinaire Habonimana yamufashije cane mu ntambwe ziwe za mbere mu muziki. Ntiyasize inyuma uwo bakuranye Fortran Bigirimana, nawe yari yaje ku mushigikira. Sabo gusa, yarashimiye na Pasteur Dieudonné Nahimana. Ugishima kwa Fabrice Nzeyimana, kwuzuye ibishobosho vyinshi, amosozi arakoroka ati: “Ibi vyose ntivyobaye iyo mutahaba, iyo mudaterera muri iki gikorwa”.

Inyuma y’igiteramo Fabrice Nzeyimana twaramwegereye tumubaza utubazo tumwe tumwe:

Igihe: Muhejeje gushira icese ku mugaragaro DVD y’umurwi Heavenly Melodies. Urukurikirane mwise “Jesus is King”(Yesu n’Umwami). Kuberiki mwarwise uku mu rurimi rw’icongereza? Kubera iki harwiriyemwo indirimbo z’icongerza?

Fabrice Nzeyimana: Twayise uko kuko iryo jambo “Yesu n’Umwami” rikomeye cane mu bugingo bw’umuntu yemera Imana. Urwo rukurikirane twaruhaye izina ry’icongereza kubera harwiriyemwo indirimbo z’icongereza. Ivyo navyo akaba ari intumbero twahaye umurwi wa Heavenly Melodies. Turirimba mu congereza no mu Kirundi kugirango ubutumwa bushikire abantu benshi cane, aba hano nabo hanze y’igihugu c’Uburundi. Kandi icongereza ni ururimi runavugwa n’abantu benshi.

Igihe: Mwiyumva gute mubonye ukuntu abantu bakiriye neza iki iteramo canyu co gushira icese DVD yanyu?

Fabrice Nzeyimana: Numva mpimbawe cane gose. Sinariniteze ko abantu bavyakira neza uku kwose. Kandi ribaye ni rya mbere tubikoze muri ubu buryo. N’ukuri n’umunezero mwinshi.

Igihe: Ku bakunzi b’indirimbo zanyu bazikoresha mu kuninahaza mubijeje iki mu migambi ya vuba ya Heavanly Melodies?

Fabrice Nzeyimana: Tubizeje ko tugiye kubashikiriza inkurikirane zibiri. Ibikorwa turiko turabikora mu ma studio. Ariko ntitwovuga igenekerezo neza na neza zaho zizosohokera ariko mwomenya ko Atari kera.

Igihe: Fabrice Nzeyimana, turabashimiye cane.

Fabrice Nzeyimana: Murakoze namwe. Imana ibahezagire.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.