Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni kuki Isanganiro Awards2015 yahinduriwe umunsi? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Ni kuki Isanganiro Awards2015 yahinduriwe umunsi?

Ni kuki Isanganiro Awards2015 yahinduriwe umunsi?

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Igiteramo co kurangiza ihiganwa ry’Isanganiro Awards 2015 casibijwe, ubuhinga bw’ivyuma ni yo ntandaro yo gusivya urwo rubanza.

Hari abari batanguye kwibaza ko igiteramo canke ibirori vyo kurangiza ihiganwa ry’Isanganiro Awards 2015 vyoba vyasivye kubera ubwoba bw’umutekano muke, ihibambe we! Amakuru duhejeje guhabwa n’umumenyeshamakuru HABONIMANA John wo kw’Isanganiro, kandi asanzwe ari mu murwi utegura iryo higanwa, avuga ko urwo rubanza rwobaye kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza, rwasibijwe n’imvo z’ubuhinga bw’ivyuma. John avuga ko ibirori vyo vugijwe ikibirira ho (en direct) kuri "radio" Isanganiro, nk’uko vyasabwe cane cane n’abakunzi b’umuziki bari mu mahanga, ariko ivyuma vyababereye intambamyi.

None ihiganwa ntirizoba cane rizoba?

John ahumuriza abaririmvyi bari mw’ihiganwa, ahumuriza kandi n’abakunzi b’umuziki ndundi iyo bava bakagera. Ihiganwa rizoba. Umunsi uzomenyeka muri iyo ndwi itangura, umunsi muzowumenya biciye mu bihayanishwa canke mu binyamakuru. John avuga kandi ko gutora umuririmvyi wipfuza bibandanya.

Mwomenya ko mu baririmvyi 10 basigaye mw’ihiganwa basabwa kwitaba ku munsi wa nyuma, kuko hari amanota atangigwa aho nyene biciye ku vyo bita "music live", umuziki w’ikibiriraho. Uwo uzovamwo ibice 60%, ibindi bice 40% bizova muri ya manota atangwa n’abakunzi b’umuririmvyi. Naho biri uko, umuririmvyi Leonard Niyomwungere aba muri Canada, yaramaze kuvuga ko atazoza ku munsi wa nyuma w’ihiganwa.

Izo ndirimbo 10 ni :

1) Urwaruka Turashoboye by Yves Kami
2) Burundi by Spoks Man
3) Ubwami Bwawe burarangiye by Leonard NIYOMWUNGERE
4) Uburundi Bwacu by Natacha
5) Burundi Yetu by Emelance Emy
6) Ukuri n’Ijambo by Juvenal Ndayisenga
7) Iyataba wewe by Jhon BAMBONEYEHO
8) Akana by GN EQ
9) Intahe by Christian NIMBONA
10) Africa by Ashley62


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.