Accueil > Ukwemera > Abakristo > Nigeria : Umupasitori apfunzwe yagirwa n’ugutwaza inda abagore barenga (...)
Nigeria : Umupasitori apfunzwe yagirwa n’ugutwaza inda abagore barenga 20
jeudi 5 Ntwarante 2015
Mu gihugu ca Nigeria havugwa umupasitori apfunzwe azira ko yashurashuje bamwe mu bamuyoboka bagera kuricanke barenga 20.
Uwo mupasitori azwi kw’izina rya Timothy Ngwu, yafashwe n’igiporisi co mu karere ka Enugu, yagirizwa na bamwe mu bahasengera, ko yayogeje abagore n’abakobwa mu kubashurashuza. Bikavugwa ko uwo mupasitori, yashurashuje benshi mu bagore basengera muri urwo rusengero ayoboye, aho harimwo na bamwe mu bagore basangiye ubucuti, bose akaba yabahenda ko yabonekewe na mpwemu yera, ko abwirizwa kuza araryamana n’abagore canke inkumi zo muri urwo rusengero.
Umwe mu bavukanyi ba Timothy Ngwu akaba yabariye abanmenyeshamakuru b’ikinyamakuru Redpepper, ko yari amaze igihe ahanura umuvukanyi wiwe ko yoheba ako kageso kabi, ariko akica amatwi. Uwo mupasitori rero, muri ivyo bikorwa vyiwe vyo gushurashuza abo bagore n’abakobwa basengera muri urwo rusengero, akaba yashoboye n’ukuvyarana nabo abana benshi. Abagerageje kumuhanura bose, akaba yabishura ko bamugirira ishavu, narirya we, yabona ko ariko ararangura umurimo yatumwe na mpwemu yera.
Aristide Nizigire
Messages
5 Ntwarante 2015, 14:22
hahaaaaa.emwe ivyikigihe birayobeye. kumufunga ntibikwiy nibamurekur agend afash abo bana.
5 Ntwarante 2015, 14:32, par ###
Ngo abislam nibo bakunda abagore benshi none uyu numuslim akari mu mpene niko kari mu ntama uyu ameze nka wa munyavyaha yiyita pasteur Migurumiko
5 Ntwarante 2015, 18:55, par Eric Niyibishaka
nimugihe canyuma kuko na bibiliya ko bose atari abageni
5 Ntwarante 2015, 19:07, par Nuwera
Ukwosigukundabagore, ahubwo ukwonugukunda icaha muzemutandukanya ibintu bidasa, umwislam nubwoyobayahisemwo kugirabagore barenze ukwo murazokurikirananeza ntabwo akoresha iyonzira iyo mwiyorobetsi yiyise pasitoro yakoresheje. REKAMBONEREHO NOGUTANGA MESSGE: BAGORE, BAKOBWA, BAGABO, NAMWEBASORE, UMUNTUWESE AZOBABWIRANGO MUKORANE IMIBONANO MPUZABITSINA YITWAJE NGO NIMPWE W’IMANA WABIMUTUMYE, CANKE NGO YEZU (YESU) ENDEDETSE NGONIMANA YABIMUTUMWE, URAZIRUKA USEMERERA MUMUTIMA CANKE MWIJWIRIRENGA UVUGA UTI: TSINDWA MWIZINA RYA YEZU UMWEYAMUGUYE IMPUMYI NIBIMUGA AKAZURANABAMPUYE BAKONGERA BAKABAHO. WEWE WEMEYE AKABIGUKORERA NAWEWE NTABUGOROROTSIBWAWE MURICOKIMWE MUKWIYE GUHANWA COKIMWE MURAGATAIRWA N’IMANA MWESE MURIBIVIMWE!!!.
7 Ntwarante 2015, 08:30, par Rupande
Mb bamufungira iki? Aho hari uwutazi ko kirya kintu cabagore kiri kure atawuciha? Komera ku murizo nk,imamba sha pasito ubandany wagaza abo bakenyezi aho batihamvya
7 Ntwarante 2015, 19:29, par MANIRAKIZA Clément
Havuga uwo bubezwe.
13 Rusama 2015, 22:32, par Imani
Yooo!!!mana! Uyo n ’umupasitoro?atukishije amashengero.akwiye gusengerwa mw ’izina rya Yesu Amen.
23 Rusama 2015, 21:54, par prosper
MU MENYE KO MUGIHE CI HEREZO HAZOZA IBIHE BIGOYE
6 Ruheshi 2015, 20:47, par Boniface
Imana Imuharire.Yibaza Ko Ariko Akorera Imana Naho Ari Shetani.
19 Gitugutu 2015, 20:25, par Musavyimana Ildephonse
Nukur Nihwej Mbona Ko Abasenga Bose Bosengana Ubweng Kuk Handitsw Ngo Mugih Ciherezo Hazoza Abigira Abavugishwa N’Imana.Dukwiy Gusuzuma Mpwemu Iyariyo Kuk Satani Ark Akora Akobej Kuk Igihe Camuheranye.Rer Twiyubar Ntiduhombe Ijuru!!
1er Nzero 2016, 21:06, par ANDREA GERARD
Reka ivyavuzwe bishike "HAZOKWADUKA ABIGIRA ABAVUGISHWA N’IMANA KANDI BAZOZIZA BENSHI"Matayo24
28 Ruhuhuma 2016, 11:56, par muhanuziwimana
Mureke uwo mugabo agire ivyo agomba kuko arabibona akamira amate bikamwanka munda, yibuke ko IMANA yabwiye KAYINI ngo :«Icaha kibunze k’urugi kandi ni wewe kigomba » SATANI yaramutwaye akayombekero .
7 Ruheshi 2016, 08:54, par morodikayi.
Akwiye gufurwa ubuzima bwiwe bwose, ntazosubire kuza ronona abagore nabana, uwo muhimbiri.