Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vyinshi kuri Zebiya Ngendakumana avuga ko abonekerwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Vyinshi kuri Zebiya Ngendakumana avuga ko abonekerwa

Vyinshi kuri Zebiya Ngendakumana avuga ko abonekerwa

vendredi 28 Kigarama 2012

Umwigeme zebiya ngendakumana avuga ko abonekerwa yamenyekanye gute kugira ahurumbirwe n’abantu benshi. Bamwe bavuga ko vyatumwe n’iparuwasi yiwabo muri komine Gahombo intara ya Kayanza abandi nabo bati yabanje kunyika amara igihe kinini atawuzi iyari.

Bamwe mu babanyi n’umuryango w’umwigeme Zebiya Ngendakumana avuga ko abonekerwa ntibahuriza kucatumye uyo mwigeme amenyekana. Bamwe twasanze ku musozi Rusha i Businde muri komine Gahombo intara ya Kayanza aho avuka batubwiye ko vyakozwe na Paroisse Rukago igihe hibukwa umweranda Doroteya ,ngo iyo Paroisse yahaye ibinyobwa vy’abana uyo mwigeme aca akora umunsi mukuru wo gusenga ku musozi Rusha aho rero ngo abana benshi baciye batangura gukwirikira Zebiya .

Abandi nabo bemeza ko umwigeme Zebiya Ngendakumana yamenyekanye kubera umugwizatunga w’i Bujumbura hamwe n’umufurera wo muri katorika batanze amafaranga yo kubaka ikibanza Zebiya n’abayoboke biwe basengeramwo hamwe n’ibarabara rigana kwa Zebiya. Ikindi abo bantu bakoze ngo barondeye abaza gusengera muri ico kibanza eka mbere baranubakiye amazu uyo mwigeme.
Tubajije abageze mu zabukuru twasanze aho kuri uyo musozi bo batubwiye ko Zebiya yabanje kuzimira amezi atatu atawuzi irengero ryiwe agaruka avuga ko abonekerwa. Izayi Sibomana azwi kw’izina rya Zaya, se wabo wa Zebiya yatubwiye ko Zebiya yagiye kuramutsa sekuru i Nyagatobo bamutumye kuvoma mu ruzi rwitwa Ikinyangundu ngo yaciye anyika baramuhiga baramubura,bamutoye ngo yaje nk’abandi bana ariko ngo aca atangura gusengesha.

Uwundi twavuganye yemeza ko bakuranye na Zebiya yatubwiye ko uyo mwigeme yatanguye kubabwira ko azobonekerwa akiri muto kandi ko yababwiye ko hari ahantu yagiye na nyina atabizi ngo akurwayo na inakuru atanze intama, umutsima w’ubugari bw’ibigori hamwe n’inzoga.

Abayoboke ba Zebiya twavuganye bobo bamirira kure ko Zebiya yoba yaranyitse,ariko baremeza ko uyo mwigeme avuga ko abonekerwa yamaze igihe abavyeyi biwe batazi iyo ari,abo basengera kwa Zebiya bakavuga ko yari kwa inakuru.
Umwigeme Zebiya Ngendakumana yemeza ko yatanguye kubonekerwa akiri muto. Afise imyaka 4 ngo yabonekewe n’umumalayika, afise imyaka 5 ngo yabonekewe na BikiraMariye hanyu afise imyaka 12 ngo yabonekewe na Yesu ari nawe ngo yamuhaye ubutumwa atanga ubu.

Haraheze ikibanza yahora asengesherezamwo i Buainde muri komine Ghombo intara ya Kayanza gicunzwe n’abapolisi kugira bamubuze n’abayoboke biwe. Bulamatari wa kayanza n’abarongoye ekeleziya katolika i mu Kayanza baramubujije gusubira kuhasengera na rimwe. Hari n’abantu bafunzwe kubera bagiye gusengeramuri ico kibanza.

kw’ifoto:Umwigeme Zebiya Ngendakumana


Raymond Nzimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.