Certaines personnes croient en l’amour qui se construit au fil du temps car dit-on, on ne tombe pas amoureux en un claquement de doigt. Tandis que les autres croient en coup de foudre, cet amour est qualifié par les uns comme d’idyllique et exotique. « Un coup de foudre est un amour irréel mais qui peut, après un certain temps, être la base d’une relation amoureuse. » indique Bény Ndayishimiye, le conseiller conjugal et sexuel.
Urukundo
-
Coup de foudre peut-il être un grand amour ?
5 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA -
Uguhuza ibitsina hagati y’ababisangiye vyoba bibaho mu Burundi?
4 Gitugutu 2017Abahuza ibitsina babisangiye, mu bihugu bimwe bimwe, bafatwa nk’abarenze imigenzo ndetse bagafatwa nk’ab’avumwe.
-
Abubakanye bitazwi n’amategeko bagiye gufatirwa ingingo n’abajejwe intwaro
20 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANAUbushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bumenyesha ko ingingo zikomeye zigiye gufatirwa abatarashira mu ngiro ivyasabwe n’umukuru w’igihugu ko ko abubakanye bokwiyandikisha imbere y’amategeko, umugabo ukabana n’umugore umwe gusa. Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko mu ngingo zizofatwa harimwo igikorwa c’abajejwe intwaro c’ukwirukana umugore agira kabiri.
-
Abagabo bafise abagore barenga umwe basigaranye amezi atandatu
19 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANAUmukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yategetse ko gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, ingo zose mu Burundi zoba zubatswe biciye mu mategeko. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bumenyesha ko igikorwa casabwe naba Buramatari bose co gutegura urutonde rw’ingo zose z’Abarundi zubatswe bidaciye mu mategeko kizohera kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2017.
-
Ifoto y’umunsi
3 Nzero 2017, par Jean De Dieu -
Saint Valentin yatanguye gute? Ni ibiki bishobora kubisha uwo munsi mukuru?
14 Ruhuhuma 2016, par egideKw’isi yose, kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, abakundana bahimbaza umunsi mukuru witiriwe umweranda Valentin (Saint-Valentin). Bivanye n’inyungu zitandukanye, bamwe bawufata nk’umunsi utuma binjiza amafaranga, abandi bakawufata nk’umunsi wo gusangira n’abo bakunda, ari nk’utuganuke, impanuro n’ibindi. Uwo munsi usigura iki? Ni ayahe mamuko yawo?
Mu ngo nyinshi, igenekerezo rya 14 Ruhuhuma barifata nk’iryo kwiyibutsa aho urukundo rugeze kandi kakaba akaryo ko kwiyerekana. Jean Duchemin yanonosoye (...) -
Ibintu 5 abakundana bokorera hamwe imbere yo kubakana
21 Ndamukiza 2015Woba ugomba kwubaka? Raba ibihe 5 bikomeye abakundana botegerezwa gucamwo bari hamwe imbere yo gukora ubugeni.
1.Gushwana bikomeye n’uwo mukundanye
Gushwana birafasha kumenya uko uwo mukundanye, iyo ashavuye amera n’ibintu bikunda kumushavuza. Ivyo navyo biratuma abakundanye bashobora kwirinda imishamirano hagati yabo muri kazoza, kuko baba bamaze kumenya ico bose bakunda n’ico banka. Nico gituma bahanura abakundanye ko iyo hariho ikintu cashavuje umwe kukivuga mbere akanakara cane, kugira (...) -
Impanuro ku bagabo bigora kurangura amabanga y’abubatse kubera ubusaza
11 Ntwarante 2015Abagabo bamwe bamwe baragira ingorane zo kurangura amabanga y’abubatse mu gihe abagore babo bashaka ko barangura ayo mabanga. Ivyo bitera ingorane nyinshi mu rugo, harimwo kurenga ibigo canke kwikekana hagati y’abubakanye. Mbega abahinga batanga impanuro izihe?
Abagabo bahumuye kenshi na kenshi barateba gufata akariro (éréction), ibitsina vyabo bikabagore gushaka kurangura amabanga y’abubatse, mu gihe umugore ashatse ko barangura amabanga y’abubatse. Twavuze ko ivyo bishobora gutera (...) -
Impanuro ku bakobwa canke abagore bakama amazi yo mu gitsina mu gihe c’amabanga y’abubatse
5 Ntwarante 2015Abakundana kenshi barahebana canke urukundo rukagabanuka bivuye ku kintu cinyegeje hagati y’ibishika mu gihe c’imibonano mpuzabitsina canke kurangura amabanga y’abubatse. Pamela Stephenson Connolly aratanga impanuro ku bakobwa canke abagore bakunda kubura amazi canke agakama mu gihe c’amabanga y’abubatse.
Hari abagore canke abakobwa usanga bafise ingorane zo gukama amazi yo mu gitsina(amavangingo)(Liquide Vaginal)mu gihe c’imibonano mpuzabitsina canke mukurangura amabanga y’abubatse. Ico gihe (...) -
Ibintu 3 bikomeye abakobwa bakunda guhisha abakunzi babo
16 Nzero 2015Amwe mu mabanga 3 akomeye abakobwa bakunda kunyegeza abakunzi babo, rimwe rimwe bikavamwo no guhebana
Abantu benshi barakunda kuvuga ko abagabo ari bo bakunda kunyegeza amabanga yabo kurusha abagore mugabo na bakobwa bafise amabanga akomeye bakunda kunyegeza abakunzi babo.Iyo umugabo aguma amubaza umukobwa bakundana ayo mabanga, kenshi abakobwa baremera bakabesha.
Ivyo bintu n’ibi:
1.Imyaka yabo
Abakobwa benshi ntibakunda kuvuga imyaka yabo kubera bayivuze rimwe na rimwe batakaza (...)