Ishirahamwe rijejwe abakozi bo mu nzu CATD risaba ko umukoresha yaturiye umukozi wiwe mu ntara ya C’ibitoke yohanwa hakwirikije amategeko ; kuko ata makosa umukozi yokora yotuma ahanishwa igihano co gusukakwo amazi ashushe.
Amabi
-
Cibitoke:Ishirahamwe CATD risabira ibihano umukoresha yaturiye umukozi
3 janvier 2018 -
Kirundo : Umwana yaturiwe ibiganza n’umuvyeyi wiwe
22 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANAMu runani rw’amashirahamwe yiyemeje guharanira ineza y’abana (FENADEB : Fédération Nationale pour la Défense des Droits des Enfants au Burundi) basaba abajejwe intwaro hamwe n’ubutungane, ko bokorera hamwe, bagashira kandi inguvu hamwe kugira batuze ingeso imaze iminsi yibonekeza y’abavyeyi bahohotera abana babo.
Ishirahamwe FENADEB ribishikirije inyuma y’ayo mu ntara ya Kirundo hari umuvyeyi aturiye ibiganza vy’umwana wiwe, amwagiriza ko yihaye indya mu nkono.
Imbere y’aho gato, Pascasie (...) -
Ishirahamwe ACPDH rirasaba leta n’abayiserukira kubahiriza agateka ka zina muntu mu mwaka wa 2017
5 Nzero 2017, par Jean De DieuIshirahamwe ACPDH rirasaba leta n’abayiserukira kubahiriza agateka ka zina muntu mu mwaka wa 2017 mu gukurikiza nomu kudahonyanga amategeko yanditse.SAKE Mathieu asaba ko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yahagaritswe yorekurwa agasubira gukora ku mugaragaro
Source: Tele renaissance -
UNICEF : Nta mwana n’umwe ategerezwa gusinzikarizwa agateka
5 Rusama 2015Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana Unicef ryasohoye itangazo, aho risaba abakorera mu gisata co kumenyesha amakuru gufasha bakingire abana gusinzikarizwa agateka kabo.
Muri iryo tangazo Ishirahamwe Unicef rimenyesha ko inyuma y’aho vyemerejwe ko hari umwana w’imyaka 15 agira kabiri yitavye Imana ahitwanywe n’urusasu mu myiyerekano iriko iraba mu gisagara ca Bujumbura, Unicef yibutsa ko ata mwana n’umwe ategerezwa gusinzikarizwa agateka canke atandukanwe n’abavyeyi yishimikije ivyashikirijwe (...) -
Maison Shalom na SOJPAE bariyamiriza ipfungwa ry’imiyabaga itandatu i Muramvya
22 Ndamukiza 2015Urwaruka rwo mu Burundi rurakwiye kwamirira kure abanyepolitike bashaka kurukoresha mu migumuko canke mu myiyerekano, ariko abana babo biryamiye mu mazu canke babarungitse mu mahanga.
Amashirahamwe yitwararika ineza n’agateka k’abana mu Burundi, Ikigo Maison Shalom na SOJPAE aserukiwe na barongozi Marguerite Barankitse na Jacques Bigirimana, barishikiye mw’ibohero i Muramvya, kuraba abana bafatiwe mu myiyerekano yo kuri uwu wa gatanu iheze, mu gisagara ca Bujumbura.
Muri ugwo rugendo, ayo (...) -
Ikigo Seruka cashizeho urubuga ngurukanabumenyi rushasha
30 Ntwarante 2015, par IGIHEIkigo SERUKA gisanzwe cakira abafashwe ku nguvu, cashikirije urubuga ngurukanabumenyi’’ site internet ‘’rushasha rw’iryo shirahamwe, congera gishikiriza icese uburyo bwo kwitabariza bushasha umuntu akoresheje ubutumwa bugufi, mu ntumbero yo kurwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina.
Kubera rero intambara Uburundi bwaciyemwo , abagabo abakenyezi n’abana barahura ihohoterwa ryo gufatwa ku nguvu. Ibiharuro vyerekana ko abantu bari hagati y’120 n’i 130 aribo bama bafatwa ku nguvu buri kwezi, nk ‘uko (...) -
SOJPAE irereka Reta y’Uburundi ivyokorwa mu kurwanya urudandazwa rw’abana
27 Ntwarante 2015, par IGIHEGushiraho uburyo bwo guhanahana amakuru birushirije hagati y’igihugu c’Uburundi n’ubuserukizi bwaco mu makungu, hamwe no gukomeza amategeko n’inzego zijejwe gukinga no kurwanya urudandazwa rw’abana, biri mu vyotuma urudandazwa rw’abana rugabanuka mu Burundi.
Mu gihe muri kino gihe, na cane cane mu bihe vyegereje amatora, harakunda kwibonekeza urudandazwa rw’abana. Abo bana akenshi usanga baja kugirwa abaja, gushurashuzwa, gukoreshwa ibikorwa bibarengeye. Hari n’igihe batwarwa bakaja gukurwamwo (...) -
SOJPAE: Abavyeyi baragaba urudandazwa rw’abana ruriyongera mu bihe vy’amatora
12 Ntwarante 2015, par IGIHEUrudandazwa rw’abana si agaseseshwarumuri hano mu Burundi rwaramyeho, ariko rero iyo hageze mu bihe vy’imbere y ‘amatora no mu matora nyezina ruca rwiyongera rwose nk’uko bivugwa nabo mw’ishirahamwe SOJPAE ryitaho agateka k’abana.
Ishirahamwe SOGPAE riratabaza abavyeyi, kugaba kuko iyo ngendo yabaye ndanse mu gihugu, batakambira abavyeyi bose kumera magabo kugira ntihagire umwana asubira kugirishwa nk’uko babishikiriza mw’itangazo basohoye ryatewe ko igikumu na Jacques Nshimirimana, umuyobozi (...) -
SOJPAE rirajwe ishinga n’impapuro z’abaganga zidasa kuvya mfurambi vyakorewe umwana
12 Kigarama 2014Ishirahamwe SOJPAE riharanira agateka k’abana rirajwe ishinga n’irerukurwa ry’umugabo yagirizwa kuba yafashe ku nguvu umwaka w’umukobwa. Risaba urwego rw’igihugu rw’abaganga kuraba mu nyandiko zatanzwe n’abaganga uwatanze icegeranyo c’ukuri ku bipimo vy’uko umwana yakorewe ivya mfurambi.
ISHIMWE Ornella w’imyaka 8 aba mu Nyakabiga bivugwa ko yakorewe ivya mfurambi n’umugabo w’imyaka 30 w’umubanyi wabo. Agifatwa, abavyeyi biwe bamutwaye mu kigo SERUKA hamwe no mu bitaro vya Reta « Hôpital Roi Khared » (...) -
Igice ca kabiri c’ingaruka mbi zo kwikinisha(Masturbation)
4 Kigarama 2014Ingaruka mbi zo kwikinisha(Masturbation) igice ca kabiri:
Kwinisha rero biratuma uko ubwonko bukora bigabanuka. Ivyiyumviro vyerekeza cane ku mibonano mpuzabitsina biratuma inguvu ubwonko bukoresha mu kwiyumvira zigabanuka, n’ubwenge buraheza bukagabanuka. Biratuma kandi umuntu adasubira kwumva umunezero mu gihe c’imibonano mpuzabitsina n’uwo bakundana.
Iyo umuntu ashukwa kenshi bituma imitsi nsozabwenge iremamara (affaiblissement des nerfs)
Iyo rero umuntu akunda kwikinisha arakunda (...)
0 | 10