IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Igice ca kabiri c’ingaruka mbi zo kwikinisha(Masturbation)

Igice ca kabiri c’ingaruka mbi zo kwikinisha(Masturbation)

jeudi 4 Kigarama 2014

Ingaruka mbi zo kwikinisha(Masturbation) igice ca kabiri:

- Kwinisha rero biratuma uko ubwonko bukora bigabanuka. Ivyiyumviro vyerekeza cane ku mibonano mpuzabitsina biratuma inguvu ubwonko bukoresha mu kwiyumvira zigabanuka, n’ubwenge buraheza bukagabanuka. Biratuma kandi umuntu adasubira kwumva umunezero mu gihe c’imibonano mpuzabitsina n’uwo bakundana.

- Iyo umuntu ashukwa kenshi bituma imitsi nsozabwenge iremamara (affaiblissement des nerfs)

- Iyo rero umuntu akunda kwikinisha arakunda gufatwa n’indwara yo kumeneka umutwe, ntasubire kubona neza. Iyo ariko aratambuka canke ahinduye ikibanza(ahagurutse canke yicaye) haca haza ikintu kimeze nk’igitambara cirabura mu maso.

- Ku banyeshuri hoho ntibisanzwe kuko ubwenge buragabuka kubera gufata k’umutwe biragabanuka kandi n’inguvu zo kwiga umwanya munini zirabura.

- Kwikinisha birasinzikaza igitigu. Igitigu n’igihimba gifasha gukora amaras, iyo rero umuntu yikinisha bituma igitigu ciwe gikora cane kugira gisubirize amaraso afasha gukora intanga zisubirira izasohotse. Iyo rero igitigu gikoze akazi kenshi ko gutanga ayo maraso bituma ingaruka mbi zikurikira: mu maso umuntu ashaka gusa n’umuhondo, kubura akayabagu, uburuhe canke ubunebwe butuma umuntu acika intege zo gukora, abasoda b’umubiri ntibabe bagishobora gukinga indwara, ishavu ry’iminsi yose ataco rivuyeko, hamwe no kubabara mu mabere.

- Umutima uratakaza ubushuhe bigatuma umuntu aboneka nk’uwushaje. Iyo rero umutima n’igitigu bidakora neza umuntu ashobora gufatwa n’ubumuga canke n’indwara zifatira mu mitsi nsozabwenge. Ku cigwa cakozwe n’abahinga baraba ingene kwikinisha bitera indwara, basanze ku bantu 1000 bagwaye igituntu, 414 bacanduye bivuye mu kinisha, n’abandi 186 bakirwaye vyavuye mu kugira imibonano mpuzabitsina irenze. Ku bantu 124 barwaye indwara zo mu mutwe, 24 zatumwe n’ukwinisha.

- Imiringoti itwara amaraso iraheza igatera buhorobuhoro bigatuma igitsina kitaronka amaraso menshi ari na ho hava kudashukwa canke gushukwa bigoranye.

- Kenshi na kenshi umuntu yikisha arafita akantu k’ubwoba bwo kuja mu bandi ugasanga ari kumira birenze ukamera nk’uwufise amasoni

- Amatengatwa ntasubira gukora neza

- Ku bagore bituma kenshi bakorora inda, canke igitereko kikuma ivyo birafise ingaruka mbi ku magara y’abagore,

- Kwikinisha bigerenywa n’ukunywa ibiyayura mutwe, kuko umuntu arahava akamera nk’imaraya yiwe nyene. Uwo vyasinzikaje iyo abihevye gusubira kumera neza birafata igihe.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.