IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abana barenga 190 barafunzwe batarakwiza imyaka

Abana barenga 190 barafunzwe batarakwiza imyaka

jeudi 22 Munyonyo 2012

Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe APRODH vyerekana ko gushika mu kwezi kwa Gitugutu uyu mwaka, abana batarashikana imyaka 18 barenga 190 bari bafunzwe. Ishirahamwe APRODH ryitaho agateka ka zina muntu risaba ko borekurwa.

Richard Nimbona ajejwe igisata c’abana mw’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu avuga ko ibiharuro vy’abana bafunzwe ari umurengera. Ngo gushika mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu, abana batarakwiza imyaka yo gufungwa barenga 190 nibo bari mu mabohero atandukanye mu Burundi.

Avuga ko babayeho nabi cane. ‘’Ivyo bafungura ni nk’ivyabakuze kandi navyo ntibikwiye, bahigira ingeso mbi nko kwiba, kunywa urumogi, inzoga zikaze, ubushurashuzi n’ibindi’’.

Muri abo bana bafunzwe, 160 bazira ivyaha bakoze, 99 ntibaracirirwa imanza. Hariyo kandi n’abandi bagera kuri 30 batakoze ivyaha ariko bavukiye mu mabohero canke barikumwe n’abavyeyi babo.

Ishirahamwe APRODH rivuga ko bibabaje kubona hari abana bavukira bakongera bagakurira mu mabohero, aho ngo nta ndero na nkeya baharonkera kuko ntibiga.
Risaba abategetsi bajejwe amabohero kurondera ibindi bihano nk’ihadabu ry’amafaranga yotangwa n’abavyeyi kugira abana ntibarinde gufunggwa.

Ku munsi wa kabiri italike 20 uku kwezi kwa Munyonyo wari umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana. Iryo shirahamwe riboneraho akaryo ko gusaba abarongoye amabohero kubaka ahantu hashobora gufungirwa abana kugira ntibasubire kuja hamwe n’abakuze.

Reta ivuga ko igerageza naho bigoye kubahiriza agateka k’abana ariko ngo impinga iracari ndende. Ivuga ko guhungabanya agateka k’abana bitari mu mabohero gusa, ngo no mu miryango birakorwa. Uturorero ni nk’aho abana b’impfuvyi ibisigi vy’abavyeyi babo ababareze babitwara, abana bakoreshwa batarakwiza imyaka yo gukora, abakubagurwa canke abakobwa bato bato bafatwa ku nguvu, abana bagenndana umugera wa SIDA bakumirwa n’ibindi.

Reta isaba amashirahamwe yigenga gufasha muri ico gikorwa co kubahiriza agateka k’abana cane cane abafunzwe. Iremera kandi ko igiye kugerageza gutandukanya abakuze n’abana bafunzwe.
Mu Burundi hari amabohero cumi na rimwe, yose arimwo abana bahafungiwe.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.