Inzu 31 nizo zasambutse muri komine Rumonge mu ntara ya Rumonge umuntu 1 nawe arakomereka inyuma y’imvura yaguye ku magenekerezo rya 14 na 15 Munyonyo umwaka wa 2018.
umutekano
-
Rumonge: Inzu 31 zasambutse ,umuntu umwe arakomereka inyuma y’imvura yaguye
16 November 2018, by vianney -
Ubushikiranganji bw’umutekano buvuga ko ata shirahamwe ryigenga mu gisata c’umutekano ryemerewe gukora ata ruhusha rifise
12 November 2018, by vianneyUbushikiranganji bw’umutekano gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe bumenyeshako umuntu yipfuza gushinga ishirahamwe ryigenga mu gisata c’umutekano bibujijwe gukora ivyo bikorwa mu gihe ata burenganzira afise buvuye ku nzego zibijejwe
-
Muramvya :Patiri mukuru wa paruwasi Muramvya yagize isanganya
2 November 2018, by vianneyPatiri mukuru mushasha wa paruwase Muramvya yagize isanganya n’imodoka urenganye ahitwa kwa Kamenge agiye mu bikorwa vy’ubutumwa.
-
Rusizi: Ibikoresho bibujijwe mu kuroba vyafashwe
29 October 2018, by vianneyIndobo 10 zuzuye imboga ntonto bita “Umugara”,ubwato butoyi buroba hamwe n’imisegereta nivyo vyafashe n’igiporisi gikorera mu mazi mu gice ca Rusizi.
-
Mairie – Bwiza :Uwitwa Christophe NDAYIKENGURUKIYE yatowe ikiziga
12 October 2018, by vianneyIkiziga c’uwitwa Christophe NDAYIKENGURUKIYE catowe igihe c’isaha icumi z’ubuca ari kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Gitugutu umwaka wa 2018 kw’ibarabara ry’i 7 inomero 37 muri zone Bwiza mu gisagara ca Bujumbura.
-
Abafungwa b’ibohero rya Gitega bagumutse
12 October 2018, by vianneyAbafungwa bo mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Gitega baraye bagumutse ku masaha y’inyuma y’umutaga wo kuruyu wa kane igenekerezo rya 11 Gitugutu umwaka wa 2018 muruko kugumuka batera amabuye hanze yiryo bohero.
-
Muyinga :Abakozi 3 b’ishirahamwe IRC bariko barangura imirimo ata ruhusha bari kubazwa n’inyamiramabi
12 October 2018, by vianneyAbakozi 3 b’ishirahamwe IRC barafashwe n’abajejwe umutekano bariko bakora akazi kabo ku musi wa gatatu muri komine Muyinga mu ntara ya Muyinga mu gihe ibikorwa vy’amashirahamwe vyarahagaritswe.
-
Mairie –kumase: Umwana w’imyaka 12 yakomerekejwe n’imvubu
9 October 2018, by vianneyUmwana w’imyaka 12 yakomerekejwe n’imvubu ku kuboko kw’iburyo ahitwa ku Mase inyuma yaho yariko aragaza iyo mvubu.
-
Bujumbura –Mutimbuzi: Uwitwa Leopold NZIGAMASABO yatowe ikiziga
9 October 2018, by vianneyUmuntu yitwa Leopold NZIGAMASABO yatowe ikiziga kuruno wa kabiri igenekerezo rya 10 Gitugutu 2018 ku musozi Kinyinya mu Rukaramu muri komine Mutimbuzi y’intara ya Bujumbura igihe c’isaha cumi na zibiri n’inusu z’agatondo.
-
Muramvya:Abantu 4 bapfuye abandi 3 barakomereka n’isanganya ry’imodoka
8 October 2018, by vianneyAbantu 4 nibo bapfuye abandi 3 barakomereka inyuma yaho imodoka yo mu bwoko bwa “Remorque” igoganye n’imodoka “Probox” ahitwa Mubarazi ku birometero 4 uvuye ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya.