IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Abarwizatunga basabwa kwitaba umunsi mukuru wahariwe umutangakori

Abarwizatunga basabwa kwitaba umunsi mukuru wahariwe umutangakori

jeudi 9 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane igenekerezo rya 9 Munyonyo 2017, mu ntumbero yo gutanguza integuro y’umunsi mukuru witiriwe umutangakori mu Burundi, Audace NIYONZIMA, Komiseri mukuru w’ikigo OBR yamenyesheje ko uwo munsi watunganijwe mu ntumbero yo kugaragaza icese uruhara rw’abatangakori mw’iterambere ry’igihugu no kubashimira muri rusangi.

Audace NIYONZIMA amenyesha kandi ko uwo munsi watunganijwe kugira hashikirizwe udushimwe ku batanga amakori bisunze amategeko, ku bushake bwabo, hamwe no gukebura abatangakori batisunga amategeko.

JPEG - 64.9 ko
Audace NIYONZIMA, Komiseri w’ikigo OBR ashikiriza ijambo rijanye n’integuro y’umunsi mukuru wahariwe umutangakori mu Burundi

Mu gihe umunsi mukuru wahariwe umutangakori uriko utegurwa n’ikigo OBR gifadikanije n’ihuriro ry’amashirahamwe y’ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi CFCIB, komiseri mukuru w’ikigo OBR arasigura ico umariye ikigo OBR n’abatangakori.

Avuga ati: ’’Uwu munsi mukuru wahariwe umutangakori mu Burundi ni akaryo ko gutsimbataza imigenderanire myiza iri hagati y’ikigo gitororokanya amakori n’amatagisi mu Burundi OBR n’abatangakori.’’

Audace NIYONZIMA amenyesha ko umunsi mukuru wahariwe umutangakori mu Burundi ugiye guhimbazwa ikigo OBR gihagaze neza haba mu bijanye n’abakozi, haba ku migambi ikigo OBR gishira mu ngiro haba no ku vyerekeye umwimbu, akisunga ko ihangiro bafise ryo gutoza imiliyaridi 720 uwu mwaka wa 2017 bamaze gushika ku rugero rwa 86 kw’ijana.

Uwo munsi uzoba uhimbajwe ku ncuro ya kabiri, ubaye mu gihe abadandaza bashika 5000 bakora urudandazwa rutazwi n’amategeko bamaze kumenyakana, ariko ico giharuro kigashobora kwongerekana.

Mwomenya ko uwo munsi mukuru uzohimbarizwa ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga ku civugo: ’’Twishimire gutanga amakori yo nzira ishikana kw’iterambere rirama no gutsimbataza intahe yo kwikukira.’’

Bitegekanijwe ko imbere y’uko uwo munsi mukuru uba, hazoba ibikorwa vyo kugendera abatangakori bamwe bamwe, ihiganwa ry’indirimbo zerekeye gutanga amakori n’amatagisi, urukino rw’umupira w’amaguru rwa kivandimwe ruzohuza abatangakori bo mu ntara ya Muyinga hamwe n’abakozi b’ikigo OBR.

Bitegekanijwe kandi ko hazoba ihayanisha-gurishwa ry’ubudandaji, hamwe n’ibiganiro bizotunganywa mu maradiyo n’ibindi binyamakuru bisigura ivyerekeye uwo munsi mukuru.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.