IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bubanza: Ingwara idasanzwe y’inka imaze gufata izirenga 40,000

Bubanza: Ingwara idasanzwe y’inka imaze gufata izirenga 40,000

samedi 17 Munyonyo 2012

Ingwara bita imbiribindwi n’ubutaka imaze gufata inka, Izirenga 40.000 ziramaze gufatwa n’iyo ngwara yahora ivugwa mu bihugu vya Congo n’ahandi, nta muti nta rucanco.

Inka ifashwe n’’iyo ngwara nta munsi imara itarapfa, ipfuye ngo baca bayihamba ngo kuko yadukira n’abantu bariye inyama z’iyo nka. Irandukira cane, ntamiti ihari yo kuyivura. Yahora yibonekeza mu bihugu bibanyi nka Congo, none yashitse mu Burundi, iheze yari yarigeze gufata inka zo mu ntara ya Cankuzo.

Kubera kwiyerereza kw’izonka ngo zirashobora kwandura gose. Ibimenyetse vy’izo ngwara turabimenyeshwa na Pascasie Sinzinkayo asanzwe ajejwe amagara yibitungwa mu ntara ya Bubanza, ati ’’Inka imaze gufatwa igira ubushuhe burembeje, mu mbonero z’amaso ugasanga harimo Ubuntu bw’uburemagu, zikagira amagara make’’.

Ahanura ko inka zifise ivyo bimenyetso bayihamba mu kinogo kirekire bagatako aho bayihambira bakahasanzaza ishwagara kugira ngo imigera ishoboka ice ipfa. Isekeza ryo gucandaga izo nka ryatanguye ku munsi wa kabiri w’iyi ndwi ku munsi, abajejwe amagara y’Ibitungwa muri Bubanza basaba y’uko abarozi bozana inka zabo mu bibanza vy’ategekanijwe mu ntara ya bubanza bakaza bitwaje amafaranga ashika amajana atatu gusa ku nka yose .

Inka zitarakwiza amezi atandatu ntizironswa urwo rucanco kandi abadacandagisha inka barashobora gufatirwa ibihano. Abajejwe amakomine basabwa guhimiriza aborozi kwitaba iryo sekeza rizomara iminsi ishika itanu. Iryo sekeza ngo riteganyijwe kuba mu gihugu cose nkuko userukira ubushikiranganji bujejwe ubworozi yabivuze.


Bonesha FM

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.