IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Ginette KARIREKINYANA arahamagarira abarundi gufungura imfungurwa (...)

Ginette KARIREKINYANA arahamagarira abarundi gufungura imfungurwa zidahinguwe

lundi 11 décembre 2017

Ginette KARIREKINYANA arongoye ikigo « Karire Products » avuga ko amagara ari ingabire buri muntu akwiye kubungabunga ukwo ashoboye , akababazwa n’ingene abarundi bakunda gufungura imfungugwa, kunywa ibinyobwa, imiti, kwisiga amavuta , n’ibindi vyinshi bihinguwe bigatera ingaruka mbi kumagara yabo.

Ginette atera akamo avuga ati : « Turakwiye kwitaho ivyo dusanzwe dufise bidaciye mu mahinguriro.Uburundi bukikujwe n’ibiterwa ngirakamaro haba mu mfungurwa, mu kuvura, n’ibindi bitari bike. »

Fançine IHORIHOZE asanzwe akoresha amavuta yo kwisiga akorerwa muri « Karire Products » avuga ko amaze kubona inyungu nyinshi kuva aho atanguriye gukoresha amavuta yo kwa Karire.

Avuga ati :« Jewe nahora mfise ingorane zo ku mubiri zivuye ku mavuta nahora nisiga.Kuva aho ntanguriye gukoresha amavuta yo muri « Karire produt » ntakibazo na kimwe ndasubira kugira. »

Muganga Jean Bosco MANIRAMBONA,umushakashatsi mu bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, ashikiriza ko ibiterwa kama bivamwo imiti ivura neza abantu bagira ingorane zitandukanye ku magara, na cane cane ingorane zo mu bihimba vy’irondoka.

JPEG - 144.8 ko
Ginette KARIREKINYANA, Umuyobozi wa Karire Products ihingura ibitandukanye mu biterwa kama

« Karire products » ikora amavuta yo kwisiga,igakora ibinyobwa, imiti yo kurwanya marariya ivuye mu bitegwa kama, bakagira n’inzu y’uburiro bw’imfungurwa kama.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.