IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Ikigo ndangakaranga c’abafaransa cashize ahabona ibikorwa vy’ukwezi kwa (...)

Ikigo ndangakaranga c’abafaransa cashize ahabona ibikorwa vy’ukwezi kwa Ruhuhuma na Myandagaro.

jeudi 8 février 2018

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru ,kur’uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, Stéphanie Soleansky arongoye ikigo IFB yamenyesheje ko ikigo ndangakaranga c’abafaransa gifasha cane mu guteza imbere imico n’akaranga vy’Uburundi.

Avuga ko mu kigo IFB urwaruka ruhakura ubumenyi, na cane cane ko baharonkera ibitabo vyo gusoma, bakigishwa igifaransa n’ikirundi, ndetse n’ubundi bumenyi mu bisata bitandukanye nko mu gisata c’amareresi, ugucapa, theatre, slam, n’ibindi bituma urwaruka ndetse n’abisumbuye baronka ubumenyi.

Ni muri iyo ntumbero ikigo c’abafaransa categuye ibitari bike mu mezi ya Ruhuhuma na Ntwarante nk’uko bivugwa na Soleansky.

Kuva kw’igenekerezo rya 22 gushika kurya 28 Ruhuhuma 2018, hategekanijwe ihayanishwa ry’ibicapo, iryo hayanishwa ryatunganijwe mu bihugu vyose bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko,aho ibicapo birenga 70 bizokwerekanwa mu nyubakwa z’ikigo ndangakaranga c’abafaransa.

Abahinga nka Patrick Kaluta, Christian Bujiriri, Zuwena Salim, na Arish Sharma, basanzwe barangurira imirimo yabo yo gushushanya mu gisagara ca Bujumbura, bazoba bafise akaryo ko kwerekana ibikorwa vyabo.

Mu gisata ca Théâtre, ku magenekerezo ya 16 na 17 Ruhuma 2018, harategekanijwe igiteramo ciswe « Muzika » , aho abakinyi ba Théâtre bava mu mirwi itandukanye bazogira igiteramo cerekana ubuzima bw’abacukura ubutare mu gihugu ca Congo.

Ku bakunzi ba Slam, kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2018, harategekanijwe ihiganwa rihuza amashuri yisumbuye, iryo higanwa rikaba ryateguwe n’umurwi Yetu Slam.

Ishirahamwe Yaga naryo rikaba ritegekanya ikiganiro igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018, kikaba kigamije guhanahana ivyiyumviro vyo gufashanya mu kurondera ubuzi ku miyabaga iheza amashuri.

Mu kwezi kwa Ntwarante,igenekerezo rya 2,mu nyubakwa za IFB, Ishirahamwe IKOH Multiservices, rifadikanije n’ikigo ndangakaranga c’abafaransa bategekanya gukora igiteramo co gushira ahabona umugambi You will Love Change Vol II, ico giteramo kikazoba kirimwo abaririmvyi Franck Duniano na Double Jay bafashijwe na IKOH mu mwaka wa 2017, hamwe n’abandi baririmvyi nka Vichou peace and love, Channy Queen, Sat B, Big Zoé, Prince Mshindi, n’abandi.

Stephany Soleansky agahamagarira abarundi kugendera ikigo ndangakaranga c’abafaransa, akamenyesha ko ibikorwa vyose barangura ari ku nyungu z’abarundi.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.