Home > Amakuru > Ikigo ISTEEBU kirabeshuza ko atabakozi baco batera umugera wa (...)
Ikigo ISTEEBU kirabeshuza ko atabakozi baco batera umugera wa Sida
Sunday 19 August 2018, by
Mw’ikete ubuyobozi bw’ico kigo ryasohotse rimenyeshako amakuru yaciye k’urubuga ngurukana bumenyi whatsaap avuga ko hari abakozi baco batera umugera wa Sida iyo bagiye kurondera ibiharuro ari ibinyoma biba bifise intumbero yo gucafuza no kwonona ishusho y’ico kigo.
Muriryo kete ikigo ISTEEBU kivuga ko kiza catanguye amatohoza kugira kimenye icatumye uwatanze ayo makuru y’ibinyoma abikora n’icoba cinyegeje inyuma yaco.
Ico kigo giheraheza kimenyeshako kizobandanya gukora ibikorwa kijejwe cisunze amategeko kugira giterere mw’iterambere ry’igihugu.
IGIHE