IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL n’igisagara ca Bujumbura batanguje "RIHA Mairie na LUMICASH"

LUMITEL n’igisagara ca Bujumbura batanguje "RIHA Mairie na LUMICASH"

samedi 14 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubwo buryo bushasha buzotuma umuntu ashobora kuriha amakori n’amatagisi y’igisagara ca Bujumbura, biciye ku buryo bwa none, akoresheje Lumicash.

Akarusho ku batangakori n’amatagisi

Icegera c’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gutumatumanako LUMITEL, Ambassadeur Joseph BANGURAMBONA, yamenyesheje ko ari intambwe ikomeye mu buhinga bwa none.

« Uwu musi LUMITEL iranejerezwe n’uko itanguje umuhora mushasha wa "RIHA MAIRIE na LUMICASH". Ni uburyo bubangutse kandi buteye imbere mu gukorana hagati ya Lumitel n’igisagara ca Bujumbura, kugira abatangakori n’amatagisi bashobore kuriha biciye muri Lumicash hakoreshejwe amafaranga aciye muri terefone ngendanwa.»

JPEG - 103.1 ko
, Ambassadeur Joseph BANGURAMBONA, Icegera c’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gutumatumanako LUMITEL

Ambassadeur BANGURAMBONA asigura ko "Riha Mairie na Lumicash" ari uburyo bworoshe buzofasha abatangakori n’amatagisi, kuko umunywanyi wa LUMITEL afise gusa terefone ngendanwa hamwe n’ikarata simu ya LUMITEL, azoshobora kuriha amakori n’amatagisi y’igisagara ca Bujumbura, aho ari hose, atabanje kuja muri banki canke kubikuza amafaranga.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA, ku bwiwe yashikirije ko ukwo gukorana na Lumitel ari akarusho, haba ku batangakori n’amatagisi hamwe no ku gisagara ca Bujumbura.

Freddy MBONIMPA amenyesha kandi ko ubwo buhinga bushasha buzofasha kurwanya abahora batoza amafaranga y’igisagara ca Bujumbura, ariko bakayikorako.

JPEG - 117.1 ko
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Kugira umunywanyi wa LUMITEL ashobore gukoresha "RIHA MAIRIE na LUMICASH", asabwa gufyonda *163# agahitamwo igiharuro 8. Mu nyuma umunywanyi asabwa gukurikiza ivyo bamwandikiye.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.