IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muyinga : Umugabo n’umwana wiwe bicishijwe inkoho

Muyinga : Umugabo n’umwana wiwe bicishijwe inkoho

vendredi 23 Munyonyo 2012

Abantu babiri umwana na se wiwe barishwe n’abantu bitwaje inkoho mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane italike 22 ukwezi kwa Munyonyo muri komine Giteranyi intara ya Muyinga. Igipolisi cafashe abantu bane bikekwa ku mvo z’amatohoza.

Abanyagihugu baba muri zone Mugano komine Giteranyi intara ya Muyinga bavuga ko bumvise inkoho nyinshi zivuga mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane nk’isaha zibiri. Ngo bari abantu bitwaje ibirwanisho binjiye mu rugo rumwe basanga umwana na se bariko barafungura hanyuma baca barabarasa ubwo nyene baritaba Imana. Abandi bana babiri ngo barakomeretse bikomeye, ubu bari mu bitaro biri mu ntara ya Ngozi.
Uwurongoye zone ubwo bwicanyi bwabereyemwo avuga ko abo bantu boba bazize umwikeko w’uburozi canke amatati y’amatongo.
Igipolisi cafashe abantu bane kuri uyu wa gatanu ku mvo z’amatohoza. Igipolisi kivuga ko cabafashwe kubera ngo bari bafitaniye amatati y’amatongo n’uwo muryango. Igipolisi kivuga kandi ko kiriko kirarondera n’abandi boba bafise uruhara muri ubwo bwicanyi.
Musitanteri wa komine Giteranyi asaba ashimitse abanyagihugu arongoye guheba ingeso yo kwihanira, ahubwo ngo biture ubutungane igihe hokwaduka amatati ayo ariyo yose.
Amatati y’amatongo co kimwe n’uburozi nivyo vya mbere bituma abantu bicana muri iyo ntara ya Muyinga, ibice birenga 90 kw’ijana vy’amatati ari muri sentare ni ayerekeye amatongo. Musitanteri wa komine yabonyeho akaryo ko gusaba ubutungane ko bwokubaka iyindi sentare igira kabiri kugira amatati y’amatongo agabanuke. Asaba kandi abanyagihugu kuvyara ku rugero kuko amatati y’amatongo nka yose ari hagati y’abavukana.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.