IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > U Bufaransa busaba reta y’ u Burundi gufungura umumenyeshamakuru wa (...)

U Bufaransa busaba reta y’ u Burundi gufungura umumenyeshamakuru wa RFI

samedi 17 Munyonyo 2012

‘’Umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera radiyo y’abafaransa RFI mu Burundi mu rurimi rw’igiswahili amaze umwaka afunzwe yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba. Leta y’u Bufaransa isaba ubutungane bw’u Burundi kumucira urubanza rudahengamye’’.

Hassan Ruvakuki yakatiwe igihano co gufungwa ubuzima bw’iwe bwose italike 20 z’ukwezi kwa Ruheshi uyu mwaka, Yagirijwe gukorana n’’umugwi w’iterabwoba’’ wagize igitero mu ntara ya Cankuzo, komine Mishiha mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze.

We n’abamufasha kuburana baragaye urubanza hanyuma barunguruza muri sentare isubiramwo imanza ishashe mu ntara ya Gitega. Ku ncuro igira gatatu ruhabwa iyindi sango, Hassan Ruvakuki yaratevye arumvirizwa n’abacamanza kuva italike 7 gushika 9 z’uku kwezi kwa Munyonyo.

Umushikirizamanza wa Repubulika i Gitega yamusabiye kubandanya igihano arimwo co gufungwa ubuzima bw’iwe bwose. Umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’u Bufaransa n’ibindi bihugu Phippe Lelion avuga ati ‘’Twarabikurikiranye bikwiye, twaratumye uwuduserukira mu Burundi kugira agende i Gitega ahariko harabera urubanza’’.

Ruvakuki afashijwe n’abashingwamanza b’iwe barerekanye neza ko atacaha yakoze. Yagize ati ‘’Jewe nagiye mu gihugu ca Tanzaniya kurondera inkuru kuko ndi umumenyeshamakuru. Narinfise ibikoresho vy’akazi, ni ukuvuga icuma gifata amajwi. Naringiye kurondera inkuru yofasha leta kugira ifate ingingo zose zishoboka kugira igwanye uyo mugwi ariko imaze kuwumenya’’.

Maitre Onesime Kabayabaya, umwe mu baburanira Ruvakuki yaramenyesheje ko ata caha kirimwo kuvugisha umurwanyi, yavuze ati ‘’leta ihari ubu ikiri mw’ishamba abamenyeshamakuru barabaha ijambo, no mu minsi iheze hariho uwavuze ko atanguje intambara kandi yabivugiye ku maradiyo n’ibinyamakuru’’.

JPEG - 729.2 ko

Kuri uyu wa gatandatu Philippe Lelion, umuvugizi w’ubushikranganji bw’imigenderanire y’u Bufaransa n’amakungu yavuze ko igihugu c’iwe gikurikiranira hagufi urubanza rw’uwo mumenyeshamakuru asanzwe akorera na radiyo Bonesha FM yo mu Burundi. Avuga ko leta y’u Bufaransa yizeye ko ubutungane bw’uburundi buzokwikubita agashi bugaca urubanza rudahengamye atawubutamitse ijambo hanyuma Ruvakuki akava mu munyororo agasubira kurangura akazi k’iwe.

Mu kiganiro gitoya yagiranye na bagenzi bacu ba radiyo RFI, yamenyesheje ko u Bufaransa bumaze gusaba leta y’u Burundi ko yoreka abamenyeshamakuru bagakora akazi kabo bisanzuye.

Urubanza rwa Hassan Ruvakuki ruri mu mwiherero. Ruzosomwa italike 8 z’ukwezi kwa Nzero umwaka uza w’2013.

Ishiramwe rihuza abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ risaba leta y’u Burundi kubahiriza ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu gufungura Ruvakuki ari mw’ibohero rikuru ry’intara ya Muramvya haraheze umwaka wose.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.