Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Umurundikazi Kadja Nin yashizwe mu bazotanga amanota mw’isabukuru ry’i (...)
Umurundikazi Kadja Nin yashizwe mu bazotanga amanota mw’isabukuru ry’i Cannes
dimanche 22 avril 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Ka Jeanine ari mu bakenyezi bake, bashirwa muri ico gikorwa.
Amakuru dukesha ikinyamakuru Indundi.com co mu Burundi, amenyesha ko muri ico gikorwa hazoba harimwo kandi umunyamerikakazi Kristen Stewart (“Sils Maria”), hamwe n’umufaransa Léa Seydoux (“La vie d’Adèle”), abo bakazoba barongowe na Cate Blanchett.
Kadja Nin yavukiye mu Burundi, mu ntara ya Gitega, ku muvyeyi Jean Ntiruhwama yabaye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ku ngoma y’umwami Mwambutsa IV.
Umuririmvyi Kadja Nin yashitse mu gihugu c’Ububirigi aciye mu gihugu ca Republika Iharanirwa Intwaro Rusangi ya Kongo, ari naho yahereje amashuri.
MUGISHA Van Naris
Messages
7 juillet 2018, 22:14, par 61200459
ico noterera nuko reta yofata mumugongo igisata camareresi naco kigatera imbere muburundi murakoze.