IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Umurwi CVR washikirije icegeranyo cawo imbere y’inama nshingamateka na (...)

Umurwi CVR washikirije icegeranyo cawo imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka

Wednesday 10 October 2018, by vianney

Bimwe muvyagiye birashikirizwa n’umurwi wamaho ujejwe ibibazo vya poritike mu nama nshingamateka na nkenguzamateka nuko uyo murwi wokwongererezwa ikiringo,kuwongereza ubuhinga hamwe no kuwongereza uburyo ukoresha kugira uheze igikorwa cawo.

Abashikirije ico cegeranyo bavuze ko ico cegeranyo mfatakibanza kigizwe n’ivyagiye vyumvirizwa,ivyashikirijwe n’ivyatanzwe muruyo murwi hamwe n’ivyo uyo murwi warondeye ukoresheje ubushakashatsi mu ntumbero yo kumenya ukuri.

Umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA yavuze ko ugukorana k’ubushikiranganji arongoye hamwe n’uyo murwi ufatiye kw’itegeko rijanye no gukingira abakorewe ivyaha hamwe no gukingira ivyabona .

Umushikiranaganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yavuze ko uyo murwi ukwiye gukora igikorwa cawo kigahera kuko kidaheze hari abantu bohava biha inyishu kuribi canke biriya.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.