IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Urubanza rwa Ernest Manirumva rwaburanishijwe muri sentare y’iyungururizo

Urubanza rwa Ernest Manirumva rwaburanishijwe muri sentare y’iyungururizo

mercredi 21 Munyonyo 2012

Urubanza rw’abakekwa ko ubwicanyi bwa Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe rigwanya ibiturire OLUCOME rwumvirijwe ubwa mbere muri sentare isubiramwo imanaza i Bujumbura. Rwaheruka gucibwa na sentare inkuru y’intara ya Bujumbura hanyuma abagirizwa baca barunguruza. Ruzosubira kumvirizwa mu mpera z’uku kwezi.

Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe rigwanya ibiturire OLUCOME, yishwe mw’ijoro ry’italike 9 z’ukwezi kwa Ndamukiza mu mwaka w’2009. Harafashwe abantu batari bake bikekwa barafungwa. Urubanza rwaraburanishijwe akatari gake. Uburunsi bwarasavye igipolisi FBI co gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika ko cofasha amatohoza. Icegeranyo carashizwe ahabona n’ico gipolisi ariko ababuranira umuryango wabuze bavuga ko kitigeze gifatirwako n’ubutungane.
N’amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya politike avuga ko ubutungane bw’uburundi budashaka kumenya ukuri kuri iyo dosiye. Ayo mashirahamwe abona ko hariho abantu bavuzwe muri ubwo bwicanyi ariko batahamagawe ngo bisigure, abo ngo ni ibihangange mu gipolisi hamwe no mu rwego rw’ipereza.
Ababuranira abagirizwa nabo nyene bavuga ko hariho ibintu vyokwerekana abakoze ubwo bwicanyi mugabo ubutungane budashaka gukorerako. Aho ngo ni nk’ukugira ibipimo vy’amaraso bita ADN mu gifaransa ku bantu bakomeye mu gipolisi bikekwa. Bagiriza ubutungane ko butigenga muri iyi dosiye.
Kuri uyu wa gatatu, urwo rubanza rwari rwahamagawe muri sentare isubiramwo imanza y’i Bujumbura. Abantu cumi n’umwe bafunzwe bagirizwa icaha co kwica Ernest Manirumva bose bari bitavye cokimwe n’abashingwamanza babo. Abacamanza bavuze ko batarasoma neza dosiye co kimwe n’ibirego baca basaba ko rwokungururizwa kw’ italike 29 z’uku kwezi kwa Munyonyo.
Ababuranira umuryango wabuze nitibavyakiriye neza. Maitre Alexis Deswaf ava mu gihhugu c’u Bufaransa yavuze ati ’’ N’amayeri y’ubutungane kuko ntashaka bufise ryo kumenya ukuri nk’uko vyabaye no ku mucamanza wa mbere’’.
Imbere y’uko urubanza rwunguruzwa muri iyo sentare y’iyungururizo, abacamanza bari bakatiye igihano bitandukanye abagirizwa harimwo ico gufungwa umunyororo w’ubuzima bwose hamwe no gufungwa imyaka mirongo ibiri.


Bonesha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.