Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Abagwizatunga bigenga bagiye kwemererwa gukorera mu gisata c’umuyagankuba (...)
Abagwizatunga bigenga bagiye kwemererwa gukorera mu gisata c’umuyagankuba n’amazi
mardi 17 Ruheshi 2014
Abategetsi batandukanye mu gisata c’amatara n’amazi hamwe n’abasanzwe bafasha haba mu bikoresho n’uburyo bariko bariga ingene bohanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ingene boteza imbere ishirahamwe REGIDESO biciye mu mpinduka (réforme) zimwe zimwe.
Umushikiranganji w’ubutare n’agataka, Côme Manirakiza yuguruye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 16 Ruheshi 2014, ibikorwa vy’uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ivyavuye mu vyakozwe n’abahinga (audit organisationnel de la REGIDESO) hamwe n’icigwa kijanye n’ugutunganya ibikorwa (étude stratégique sur la gouvernance) mw’ishirahamwe REGIDESO. Urwo ruganda rukaba ruzomara iminsi itanu, bakazokwiga umugambi ujanye n’impinduka muri iryo shirahamwe REGIDESO, ari nazo bazoca barungika muri Reta.
Intumbero y’urwo ruganda ni iyo kugira bose bumve co kimwe ivyavuye mu vyasabwe n’abahinga (recommendations), kugira bumvikane bimwe ku vyerekeye ivyohinduka muri iryo shirahamwe, kugira babishikirize Reta, ishirahamwe REGIDESO bishoboka rihindurwemwo amashirahamwe abiri, rimwe rijejwe igisata c’amazi, irindi rikaraba igisata c’umuyagankuba.
Umushikiranganji Côme Manirakiza amenyesha ko mu ntumbero yo kwongereza umwimbu w’umuyagankuba hamwe n’amazi, hari itegeko rigiye kuzokwirwa, ryerekeye amasezerano hagati y’igisata ca Reta n’abigenga, mukumva ko abanyamitahe bigenga bazoshobora gukorera muri ico gisata.
Floxella Karire
Messages
18 Ruheshi 2014, 00:07, par BAZOGENDA BARAGWIRA
ni babigenze uko nyene,n’ayahandi ho ntakigenda.
Kandi bareke kuburabuza Epitace BAYAGANAKANDI yashaka gutez’imbere igihugu,mu giterwa ca stevia.