IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abakongomani bavuga ikirundi barenga 50 bahungiye mu Burundi

Abakongomani bavuga ikirundi barenga 50 bahungiye mu Burundi

mercredi 26 Kigarama 2012

Ubwoko bw’abakongomani bavuga ururimi rw’ikirundi baramaze igihe bashamirana n’ubwoko bw’abafurero mu kiyaya ca Rusizi. Kuva ku wa gatandatu uheze, abarenga 50 baramaze guhungira mu Ntara ya Cibitoke bahana urubibe.

Kuva ku munsi wa gatandatu uheze italike 22 Kigarama 2012, harasubiye kwibonekeza abakongomani bavuga ikirundi bahunga igihugu cabo. Bashikiye ku mugwa mukuru w’inatara ya Cibitoke, gushika kuri uyu wa gatatu italike 26 Kigarama hamaze gushika abarenga 50. Bahunga bava mu duce twa Bwegera,Mutarure n’ahandi mu kiyaya ca Rusizi. Ngo bahunga imishamirano ibahuza n’ababanyi babo b’abafurero.

Iyo hadutse imishmirano hagati y’ubwo bwoko bubiri bw’abakongomani, ngo abafurero baca bakoresha urwaruka rw’abo rufise ibirwanisho rwitwa Mayi Mayi gutyo abavuga ikirundi bagaca bahungu. Abafurero bagiriza abavuga ikirundi ko ari abarundi bagiye kubavogera.

Intandaro ya vyose ngo ni ubutware. Umwami atwara ubwo bwoko bubiri avuga ikirundi. Uwo nawe aheruka kwitaba Imana. Abafurero rero ntibashaka ko umusubirizi aba uwuvuga ikirundi. Ubu hoho ngo hari n’uwundi mutware avuga igifurero aheruka gupfa, abafurero bagaca bagiriza abavuga ikirundi ko aribo bamwishe. Gutyo indyane ziba ziradutse.

Iyo mishamirano hagati y’abakongomani bavuga ikirundi hamwe n’abafurero baba mu kiyaya ca Rusizi si iya vuba. Ariko ija iracureha hanyuma igasubira kuvyuka. Yatangura gukomera mu kwezi kwa Nyandagaro uyu mwaka aho hahunga abakongomani bavuga ikirundi barenga 700. Mu kwezi guheze kwa Munyonyo naho hahunze abarenga 300.
Abo bose bahungira ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke ihana urubibe n’igihugu ca Congo, haciye hagati uruzi Rusizi gusa. Bose ntibaronse uburenganzira bwo kwitwa impunzi kuko hariho abo vyabonetseko harimwo abarundi bagiye kwisumamwo. Abo baciye basubizwa mu miryango yabo cane cane mu ntara za Cibitoke, Bubanza na Kayanza, abandi nabo ikigo c’igihugu kijejwe impuzi ONPRA gica kibashira mu makambi y’impunzi mu ntara za Ngozi na Ruygi. Aho basanzeyo bagenzi babo b’abanyamulenge bahunze mu myaka y’2000.

Ubuyobozi bw’intara ya Cibitoke bumenyesha ko atamafaranga bwategekanije yo kwakira impunzi nk’izo iyo zibonekeje. Abo bahunga nabo Basaba infashanyo kuko bagwiriyemwo abana n’abagore kandi akaba ata nakimwe bahungana.

Emile Mworoha yigisha muri kaminuza y’u Burundi ivya kahise amenyesha ko ibice abo bakongomani bavuga ikirundi,abafurero n’abanyamulenge babamwo ngo vyahora biri mu Burundi imbere y’uko haba imbibe zizwi. U Burundi na Congo vyikukiye haca hegukira Congo, abanyagihugu bahaba bacika abakongomani ariko bagumana imico,imigenzo,inyambaro n’ururimi rwo mu Burundi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.