IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abana barenga 2600 baba mw’ibarabara mu gisagara ca Bujumbura

Abana barenga 2600 baba mw’ibarabara mu gisagara ca Bujumbura

samedi 12 Nzero 2013

Nk’uko ibitigiri bivyerekana, mu gisagara ca Bujumbura honyene hari abana bo mu mabarabara bashika 2600. Amashiramwe yitaho agateka k’abana nk’ikigo Maison Shalom asaba Reta gushiraho politike itomoye yo gukura abana mw’ibarabara.

Ivyo bitigiri biteye ubwoba bitangwa n’ishiramwe ryigenga ryitwa Giriyuja ryitaho agateka k’abana. Ariko rero iyaba ibitigiri vyo mu gihugu cose bihari vyari kuba biteye ubwoba kurusha kuko ku migwa mikuru y’amakomine n’intara zitandukanye abana benshi bagize umwuga ukugenda barasegerereza.

Nk’uko bimenyeshwa na Marguerite Barankitse, umukuru w’ikigo Maison Shaloom ngo igituma ivyo bitigiri vy’abana bo mu mabarabara biguma vyiyongera n’uko ata politike itomoye ya Reta yo gukura abana mw’ibarabara iriho. Ku bwiwe ngo ntivyumvikana ukuntu amashirahamwe atandukanye akorera mu gisata c’agateka k’abana aguma akora ariko Reta ntiyigere ishiraho politike itomoye y’ugukura abana mw’ibarabara yongere yerekane ibitegerezwa gukorwa bashitse i wabo n’uwobikora.

Ariko aragwa akagaruka agira ati «Uyu mwaka Reta yamenyesheje ko izofasha abana bashika ku bihumbi cumi na bitatu.» Iyindi ntambamyi nayo nyene itari nto ituma ikibazo co gukura abana mw’ibarabara kidatorerwa umuti n’uko amashiramwe atandukanye akora muri ico gisata ataja hamwe ngw’ahanahane ivyiyumviro yongere aronderere hamwe umuti urama.

Aha abaraba ibintu n’ibindi eka mbere na bene ayo mashirahamwe barimwo bemeza ko amashirahamwe adakorana ngo avugane ibikenewe. Akarorero batanga n’uko usanga haramashirahamwe atanga imfungurwa ku bana ba ntahonikora bigaca bituma rero nk’igihe bakuwe mu mabarabara baca basubira kuja aho bafashishwa imfungurwa basegerereza.

Ariko ngo iyo baba bavugana wosanga abana baba basubijwe i wabo baca baronkerezwa imfungurwa canke izindi mfashanyo nk’impuzu mu miryango i wabo ku mitumba itandukanye aho gusubira kuja ku migwa mikuru y’intara n’amakomine, ibiheza bikabakwegera gusubira gusegerereza.

Kugirango ikibazo c’abana bo mw’ibarabara gitorerwe umuti burundu, umukuru w’ikigo Maison Shalom avuga ko hategerezwa kubanza kugwanywa ubukene n’inkomoko yabwo hamwe rero n’ugushiraho politike yo kuvyara ku rugero.

Gushika ubu, mu gihugu c’u Burundi haramashirahamwe atari make akora mu gisata c’agateka k’abana ariko kenshi na kenshi ayo mashirahamwe haraho yidogerwa ko adashira imbere ineza y’abana canke ngw’akore ivyangombwa kandi vya nkenerwa abo bana baba bakeneye. Ahubwo hari n’abayidogera bavuga ko asa n’ayagira urudandazwa akoresheje abana.

Bamwe mu barongoye amashiramwe basaba Reta kwama isaba ivyegeranyo uko umwaka utashe kugira irabe ko vyukuri ivyo ayo mashirahamwe yiyemeje abirangura buri mwaka


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.