Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure b’abakobwa barenga 36000 bahevye amashure kubera gutwara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abanyeshure b’abakobwa barenga 36000 bahevye amashure kubera gutwara (...)

Abanyeshure b’abakobwa barenga 36000 bahevye amashure kubera gutwara inda

mercredi 26 Kigarama 2012

Umwaka w’ishure 2011-2012 waranzwe n’ibitigiri vyinshi vy’abanyeshure bahevye kwiga kubera gutwara inda z’indaro. Mu gihugu cose abakobwa barenga ibihumbi 36 barahevye amashure kubera gutwara inda. Umushikiranganji bw’indero buvuga ko bugiye gufata mu minwe ico kibazo.

Umwaka w’ishure w’2011-2012 ntiworoheye abanyeshure b’abakobwa mu mashure matomato n’ayisumbuye.Abarenga ibihumbi 36 baratwaye inda bari kw’ishure. Bose baciye baheba amashure.

Icegeranyo cashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’amashure matomato n’ayisumbuye kivuga ko intara ziza ubwa mbere ari Muyinga, Cibitoke na Bubanza. Mu ntara ya Cibitoke honyene hahevye abarenga 700.

Ico cegeranyo cerekana ko abantu batwaza inda abanyeshure b’abakobwa ahanini ari abasirikare n’abapolisi,abadandaza,abatwara imiduga yunguruza abantu mu bisagara no hagati mugihugu,abigisha babo babahendesha amanota,abarezi babo canke ababanyi hamwe rero n’abanyeshure b’abahungu bagenzi babo.

Sendika y’abarimu bo mu mashure y’isumbuye CONAPES ivugako iryo bara atari abarimu gusa barikora nk’uko ico cegeranyo kivyerekana. Emmanuel Mashandari arongoye CONAPES asaba ko abavyeyi bofasha mu kurwanya ako kabi gatuma uburenganzira bw’umwana w’umukobwa gasubira inyuma.

Umushikiranganji w’amashure matomato n’ayisumbuye amenyesha ko ingingo ruhasha zigiye gufatwa muri uyu mwaka w’ishure w’2012-2013 kugira ngo ntihagire abakobwa basubira guheba amashure kubera gutwara inda z’indaro. Severino Buzingo amenyesha ko umwarimu azokwagirwa n’icaha co gutwaza inda umunyeshure yigisha azoca yirukanwa mu kazi.

Amashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi nk’urunani ADDF avuga ko ababazwa n’uko abakora ivyo vyaha badahanwa bikwiye. Bernardine Sindakira arongoye ADDF amenyesha ko ukudahana ariko gutuma ivyo vyaha bibandanya bikorwa. Asaba ubutungane guhana abo bose bagirwa n’icaha co gutera inda umunyeshure w’umukobwa gutyo ngo vyotuma n’abandi batinya.

Ishirahamwe ry’abakenyezi ADDF risaba kandi ko abanyeshure b’abakobwa batwaye inda bari kw’ishure bohabwa uburenganzira bwo kubandanya biga. Ikindi iryo shirahamwe risaba n’uko abavyeyi bokwitaho indero y’abana babo bakabakurikirana kenshi. Nk’iyo umwana afise itelefone ngendanwa nshasha canke impuzu umuvyeyi ataguze ngo yomubaza iyo yakuye amafaranga yo kubigura. Abanyeshure b’abakobwa nabo basabwa kwicungera bakanka kandi bakirinda ababahendesha ibitaja ntibize kugira babashurashuze.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.