Accueil > Amakuru > Abanyeshure ntamanota y’igice ca mbere bazoronka
Abanyeshure ntamanota y’igice ca mbere bazoronka
dimanche 6 Nzero 2013
Abigisha bo mu mashure matomato n’ayisumbuye bahurikiye mu masendika 4 CONAPES,SLEB,STEB na SYNAPPconapes ngo ntibarota batanga amanota Y’igice ca mbere. Ni mugihe abanyeshure bazotangura igice ca kabiri kuri uyu wa mbere italike 7 Nzero 2013. Abarimu biyamiriza ingene igikorwa co kunganisha imishahara kiriko kirakorwa.
Nk’uko ayo masendika y’abigisha abivuga ngo bazotonda ukuri kwamye gutangura igice cakabiri c’umwaka w’ishure ariko ngo nta nota rizotangwa ngo kuko Reta yananye kubumviriza ku kibazo co kunganisha imishahara.
Chantal Nahishubije arongoye sendika SLEB avuga ko bitumvikana ingene Reta yofata ingingo itumvirije abo vyega, akamenyesha ko bagiye gukora ivyo barekurirwa n’amategeko kugira bagondoze Reta yemere ibiganiro.
Ku rundi ruhande,abavyeyi n’abana bavuga ko baguye mu mporero kuko atamatati n’amwe bafitaniye na Reta canke abigisha. Tharcisse Ndarugirire arongoye inama y’abavyeyi barereye kw’ishure ryisumbuye rya Musaga mu gisagara ca Bujumbura asaba ko izompande zoja hamwe zikumvikana ku neza y’urwaruka arirwo kazoza k’u Burundi.
Abanyeshure bo bibaza ingene bazokwiga batazi umwimbu w’ ivyo bakoze mu gice ca mbere,bakabona ko bitoroshe kubandanya ikivi watanguye ariko utaramenyeshwa ko cakozwe neza canke hari ivyagoranye. Basaba ko bosubira kwiga ari uko baronkejwe umwimbu wabo w’igice ca mbere, aho nimugihe igenekerezo rya 7 Nzero ariho igice ca kabiri c’umwaka w’ishure kizotangura.
Abigisha bafashe ingingo yo kudatanga amanota y’igice ca mbere, mukwiyamiriza icigwa cakozwe n’umuhinga mu bijanye n’ukunganisha imishahara y’abakozi ba Reta. Ayo masendika akaba avuga ko ico cigwa kitisunze impapuro z’umutsindo z’abakozi hamwe n’uburambe mu kazi.
Raymond Nzimana