Accueil > Amakuru > Abasirikare ba ONU bazokwagirwa n’ugufata ku nguvu abakobwa bafatiwe (...)
Abasirikare ba ONU bazokwagirwa n’ugufata ku nguvu abakobwa bafatiwe ingingo
dimanche 13 Ntwarante 2016, par
Inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yafashe ingingo ko ibihugu bitazokurikirana mu butungane abasirikare n’abaporisi bavyo bagiriwe n’ivyaha vy’ugufata ku nguvu abakobwa iyo bari mu butumwa bw’ukugarukana amahoro, ko ivyo bihugu bizoca bihagarikwa burundu muri ivyo bikorwa.
Iyo ngingo yafashwe kuri uwu wa gatanu n’ibihugu 13 bigize inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Inama nkuru y’umutekano yafashe ingingo kandi ko uwuzokwagirizwa ivyaha vy’ugufata ku nguvu abakobwa n’abagore, amatohoza akerekana ko vy’ukuri ico caha yagikoze, azoca yirukanwa, ashitse kandi mu gihugu ciwe ubutungane bumukurikirane, igihugu kitabikoze cirukanwe muri ubwo butumwa.

Inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yafashe iyo ngingo inyuma y’aho hasohokeye icegeranyo gishasha c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cerekana ko ibiharuro vy’abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakwekako ugusambanya abana n’abantu bakuze ku nguvu ciyongereye, kiva kuri 80 mu mwaka 2014, kigera kuri 99 mu mwaka w’2015. Abantu 69 muri abo bakekwako ico caha, akaba ari abari mu ngabo ziri mu butumwa bwo kugakana amahoro mu bihugu 10, ariko bakomoka mu bihugu 21 bitandukanye birwiriyemwo ivyo muri Afrika.
Ico cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU nticerekana ahakomoka abo bandi bakozi 30 batari mu butumwa bwo kugarukana amahoro bakekwako ivyo vyaha.
Muri ico cegeranyo, basaba ishirahamwe mpuzamakung ONU hamwe n’ibihugu vyarungitse abasirikare n’abaporisi, kureka abazokwagirizwa bagakurikirana, mbere bagatanga na ADN zabo.
IGIHE
Messages
13 Ntwarante 2016, 17:54, par celestin
nn vyagenze gt?