Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yo kw’isi ariyamiriza ifungwa rya Hassan (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yo kw’isi ariyamiriza ifungwa rya Hassan (...)

Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yo kw’isi ariyamiriza ifungwa rya Hassan Ruvakuki

jeudi 10 Nzero 2013

Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yo mu Burundi no mu makungu ariyamiriza igihano co gufungwa imyaka 3 caciriwe umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradiyo y’abafaransa RFI na Bonesha FM mu Burundi. Yose asaba ko uwo mumenyeshamakuru yorekurwa.

Urunani rw’abamenyeshamakuru bo mu Burundi UBJ ruvuga ko ruri mu mubabaro ntangere kubera mugenzi wabo Hassan Ruvakuki yaciriwe umunyororo w’imyaka 3 ku munsi wa kabiri italike 8 Nzero 2012. Sentare isubiramwo imanza y’i Gitega yaciye urwo rubanza mugihe sentare y’intara ya Cankuzo yari yamuciriye gufungwa ubuzima bwiwe bwose. Alexandre Niyungeko arongoye UBJ avuga ko vyanse ko abacamanza bikura ku gitsure c’ubutegetsi. Amenyesha ko UBJ izokora uko ishoboye mu gufasha Ruvakuki kurondera ubutungane naho hazoba mu makungu.

Icahe cagirijwe Ruvakuki akorera iradiyo y’abafaransa RFI na Bonesha FM cahindutse incuro zine zose. Agifatwa mu kwezi kwa Munyonyo mu mwaka w’2011, yagirijwe gukorana n’imigw y’abasuma, hanyuma yagirizwa gukorana n’imigwi y’abarwanyi, bukeye kabiri yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba.

Ubu naho yagiriwe n’icaha co gukorana n’ishirahamwe ry’abagizi ba nabi biyemeje guhungabanya umutekano w’abanyagihugu yavukiye mu gihugu ca Tanzaniya.
Hassan Ruvakuki yari yagiye mu gihugu ca Tanzaniya guha ijambo uwurongoye umugwi w’abarwanyi FRD-Abanyagihugu wari watangaje ko ugiye kurwanya Reta y’u Burundi.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe Reporters sans Frontieres, RSF, rivuga ko gufunga umumenyeshamakuru bisubiza inyuma ubwigenge bwo kumenyeshamakuru. Pierre Ambroise arongoye igisata ca Afirika muri RSF amenyesha ko ryaguye mugahundwe ryumvise Hassan Ruvakuki atarekuwe n’ubutungane.

Ngo vyerekana ko ubutungane butigenga ahubwo butamikwa ijambo n’ubutegetsi kanatsinda ngo idosiye ya Ruvakuki yaramaze gufata intumbero ya politike. Pierre Ambroise asaba abamenyeshamakuru bose bo kw’isi gushira umukono ku rwandiko’’Petition’’ RSF yashize ahabona ku murongo wa internet rwo gusaba ko Ruvakuki yorekurwa.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru Federation Internationale des Journalistes, FIJ,naryo yene ryamirirakure igihano cakatiwe Hassan Ruvakuki. Omar Farouk arongoye FIJ avuga ko iryo fungwa rya Ruvakuki ricafuza u Burundi mu makungu kuko ngo bituma buharurwa mu bihugu bitorohereza umwuga wo kumenyeshamakuru.

Ishirahamwe AEF rihuza amaradiyo n’amateleviziyo vyo mu Bufaransa RFI,France 24,AFP n’ibindi binyamakuru rivuga ko ryari ryizeye ko Ruvakuki arekurwa inyuma y’umwaka n’ukwezi kurenga. Marie Christine Saragosse arongoye AEF amenyesha ko aho yaheruka mu Burundi mu kwezi kwa Munyonyo 2012 yari yagiye yizeye ko uwo mumenyeshamakuru arekurwa. Saragosse yari yabonanye n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza kandi ngo yari yamwijeje ko azokora uko ashoboye Hassan Ruvakuki arekurwe. Amenyeshako u Bufaransa bugiye kubandanya kugondoza u Burundi kugira Ruvakuki arekurwe.

kw’ifoto:Hassan Ruvakuki


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.