Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura:Igipolisi cafashe abasuma 3 bakoresha inkoho cicamwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bujumbura:Igipolisi cafashe abasuma 3 bakoresha inkoho cicamwo (...)

Bujumbura:Igipolisi cafashe abasuma 3 bakoresha inkoho cicamwo umwe

vendredi 21 Kigarama 2012

Igipolisi cari kimaze iminsi gikurikirana abasuma 4 biba bakoresheje inoho n’imodoka. Kuri uyu wa 5 inyuma y’umutaga, abo basuma barasanye n’igipolisi, umusuma umwe arahasiga ubuzima 2 barakomereka uwundi umwe yarafise inkoho yashoboye guhunga. Baheruka kwiba amafaranga imilioni zirenga 70 z’amarundi.

Igipolisi kivuga ko uruhigi rw’abo basuma rwatanguye ku munsi wa mbere italike 17 Kigarama 2012.

Abo basuma 4 ngo bagiye kwiba amafaranga umukongomani aba muri karitiye Kajaga mu Gisagara ca Bujumbura. Bagiye bamutwaye amafaranga imilioni 57 y’amarundi hamwe n’ibihumbi 12 vy’amadolari y’abanyamerika, yose hamwe arenga imilioni 70 y’amarundi.
Nyene kwibwa yaratabaje igipolisi naco gitangura amatohoza. Umuvugizi w’igipolisi OPC1 Elie Bizindavyi amenyesha ko abapolisi bagumye barondera inkuru hanyuma bamenya ko abo basuma bahungiye mu ntara ya Ngozi. Naho nyene igipolisi carabakurikiye maze nabo barinyegeza. Amenyesha kandi abo basuma bahavuye bagaruka i Bujumbura.

Kuri uyu wa gatanu italike 21 Kigarama 2012 inyuma y’umutaga, Elie Bizindavyi yahamagaye abamenyeshakuru ababwira ko batatu muri abo basuma bafashwe. Imbere yaho, abo basuma ngo babanje kurasana n’igipolisi bashaka guhunga. Ipolisi civunye hanyuma umusuma umwe aca arahasiga ubuzima ubwo nyene, uwundi umwe arakomereka bikomeye akaba yagira acikane nk’uko twavyiboneye, uwundi arakomereka bukebuke. Ariko hariho umwe yarafise inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet yahunze arasiga igipolisi. Ikiziga cari munsi y’umuduga abo basuma bakoresheje mu kwiba, nawo nyene wari wononekaye cane.

Elie Bizindavyi avuga ko hafashwe kandi inkoho yo mu bwoko bwa Kalashinikov hamwe n’ibisasu vya Grenade bibiri.

Uwo muvugizi w’igipolisi avuga ko ayo mafaranga arenga imilioni 70 y’amarundi atarashobora gufatwa. Ariko arahumuriza ko kumbure ayo mafaranga ashobora kuboneka kubera umusuma umwe yafashwe akiri muzima. Yongeyeko ko amazina y’abo basuma yari azwi mu gipolisi kandi ko bagize umugwi munini w’abasuma karuhariwe.

Elie Bizindavyi arashimira igipolisi cakoze ico gikorwa hamwe n’abanyagihugu batanze inkuru kugihe. Asaba abanyagihugu kugaba muri iyi minsi mikuru iheza umwaka,gutanga inkuru hagize ico bikeka mu ntumbero yo gukingira umutekano bikwiye.

Kw’ifoto:Elie Bizindavyi, umuvugizi w’igipolisi c’u Burundi


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.