IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bujumbura:Komine Bwiza yiyemeje kugira isuku

Bujumbura:Komine Bwiza yiyemeje kugira isuku

mardi 18 Kigarama 2012

Abakozi ba komine ya Bwiza bari kumwe n’igisata ca mairie ya Bujumbura SETENU barijukiye gukura umwanda muri iyo komine mu ntumbero yo kuyisukura. Umwanda wari wabaye ndanse.

Nk’uko musitanteri wa komine Bwiza yo mu gisagara ca Bujumbura umupfasoni Esperence Ngerageze yabimenyesheje abamenyeshamakuru, ibikorwa vyo gukura umwanda muri iyo komine biriko birakorwa. Yamenyesheje ko umwanda uri kw’ibarabara rya kabiri ryo muri komine ya Bwiza hafi y’isoko yo mw’i Jabe ryakuweho harimwo mbere niryo kw’ibarabara ry’icenda rihuza komine Bwiza na komine ya Nyakabiga.

Umupfasoni Ngerageze yamenyesheje ko ivyo bikorwa biriko biba mu ntumbero yo kugira iyo komine ibe nziza. Yamenyesheje kandi ko ari mu ntumkbero yo gukingira imiserege itwara amazi mu gihe igomba kuzibirwa n’umwanda uzanwa n’amazi y’imvura.
Musitanteri wa komine Bwiza yamenyesheje ko ivyo bikorwa biriko bikorwa ku mpamvu z’umutekano mu gihe abagizi ba nabi bahora binyegeza inyuma y’iryo yarara iyo bagomba kugirira nabi abarengana mu gihe c’amasaha yitereye yo mw’ijoro.

Ku bijanye nico bategekanya mu kurwanya abazana iryo yarara mu bice bitandukanye vya komine Bwiza, umupfasoni Ngerageze yamenyesheje ko bagiye kumenyesha abanyagihugu bagereye ivyo bibanza ko bategerezwa gucungera ivyo bibanza kugira bibe vyiza gusumba. Yamenyesheje kandi ko uwuzofatwa ataye umucafu muri ivyo bibanza azohanwa vy’akarorero kandi ko azorihishwa n’ihadabu. Musitanteri yamenyesheje ko igihe cose hazokwibonekeza umucafu mu masoko nk’iyo kw’i Jabe , igisata ca mairie ya Bujumbura SETEMU ariyo izoza gukura uwo mucafu.

Ku bijanye n’umucafu uva mu mpangu, musitanteri yamenyesheje ko hari amashirahamwe ajejwe gukura iyo micafu mbere na komine ikaba iriko irarondera ikibanza yoza irashiramwo iyo micafu iva mu masoko no mu mazu y’abantu.
Umupfasoni Ngerageze yarangije yemeza ko komine yafashe ingingo yo gukora ibishoboka vyose kugira ibe nziza kandi akaba yizeye ko igikorwa kizogenda neza.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.