Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Umunyagihugu akunda igihugu camwibarutse" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > "Umunyagihugu akunda igihugu camwibarutse"

"Umunyagihugu akunda igihugu camwibarutse"

mardi 11 Munyonyo 2014

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asaba abarundi gushigikira imigambi itandukanye ya Reta, hamwe no kwitegurira amatora Uburundi bwimirije mu mwaka w’2015. Ivyo yabishikirije mu masengesho yo gusengera igihugu yama atunganywa uko umwaka utashe, ay’uno mwaka akaba yabaye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri mu nyubakwa ’’La Detente’’,mu gisagara ca Bujumbura.

Abategetsi batandukanye b’igihugu bahuriye hamwe mu gisabisho, uno mwaka kikaba catunganijwe ku civugo "Umunyagihugu akunda igihugu camwibarutse". Intumbero y’ayo masengesho yateguwe n’inama nshingamateka ni akaryo ko gushimira Imana ku buntu n’imbabazi vyayo, nk’uko vyavuzwe na Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, mw’ijambo ryiwe, yavuze ko umunyagihugu akunda igihugu camwibarutse aritwararika kubu na kazoza k’igihugu, ategerezwa gushigikira imigambi mikuru mikuru y’igihugu, yaba wa mugambi wo kurwanya ubukene (vision 2025), intwaro ibereye, kurwanya igiturire, umugambi w’igihugu ujanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, imigambi ijanye no kubungabunga amahoro n’umutekano, wa mugambi wo gukunda igihugu n’iyindi.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabandanije asigura ko umuntu akunda igihugu camwibarutse ategerezwa gukora yibaza ku bazovuka muri kazoza. Petero Nkurunziza yahamagariye abarundi kwitaba amatora yo mu mwaka w’2015. Abahiganwa nabo basabwa gutanga imigambi nyayo imeze neza.

Abavugabutumwa b’uwo munsi babiri, Tim Timnos ava mu gihugu ca Amerika hamwe Tamrat Layne ava mu gihugu ca Etiyopiya basavye abarundi gukundana, bagakurikira umwami yesu bakongera bagashira Uburundi mu minwe y’ Imana. Tamrat Layne yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Etiyopiya yongeye atera akamo abarundi gukosora aho batiriganye muri kahise, bakabaho ubuzima bw’ubu, bakongera bagategura kazoza bishimikije Yesu Kristo.

Tubamenyeshe ko ayo masengesho yari yitabwe n’abanyacubahiro batandukanye bo mu Burundi, indongozi zitandukanye, abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi abashitsi bavuye mu Budagi, Amerika, Ubufaransa, Ubuswise, Ethiopie, Afrika y’epfo, Ouganda n’ahandi.

Photo: Presidence


Floxella karire

Messages

  • Turagushimiye nyenicubahrm Pieter Nku,kowibukako Imana ibaho hanyuma ugasengera igihugu.eshe wosabimana ikakwereka amaraso yabarundi ariko aseswa ngonuko batavuga rumwe na leta urongoye.Rekaguhumamaso abarundi ngo leta yawe igwanya ibiturire nibiriko bikoregwa abarundi, mbega amahoro twoyakurahe imbonerakure zitaraheza umugambi zatumwe na dd?.???kazoza kacu nabanabacu niteramberetwovyiyumviradute ubutegetsi bwa dd bwasibije igihugu?Iyaba Imana yokwumvise amasengesho yaba rundi bariko baturatuzwa nubutegetsi ataco bazira yobakuyeko dd ikabagira nkuko yagize ingoma ya Berushaza i babuloni bakanyike nka Nsoro!!!!!!!.............

  • Mbe Pacifik ko ataco urashikiriza kuriyinkuru vyagenz gte?emwe rimwe mubuzima uratevye gutanga commentaire kuvyakozwe na leta ndundi!ngra warikebuts .ubandany rero wisonera unasonera inzego zatowe nabenegihugu.nawe uritoza turabe amajwi ugira.agakomye kose ngo leta nikubaze!weho urayibaza..

  • Ibibintu nivyoza yabintumbero yavyo yabamajambobavuze, yaba abaribahari ukuntubashajije, yababarindi baribahari, yababashitsi baribahari vyabayevyiza gushitsanaho bosebaciye basa, sabirabure sabazungu, abarabu, abahinde nabandibose baribahari bose barasa.

  • ABARUNDI NKUNDA KO MUDAKORESHA IBINTU BIHENZE, UWABAGEZA I RWANDA NGO MUREBE ABA VIP IBYO BAKORESHA.

  • iyva pacifique twebwe dusoma kandi twumwiriza twarabihinyuye,nuko abona akinisha aba=Democrate ahandi ho vyomuryoheye.kandi abantu kabo ntibahara mu ma societe.uwo nawe ngo abariko barapfa ywe ntabo tuzi kandi ntabo tubona ico nzi co uwipfuza gutoba ngo ni democratie ,ngo ni aba dd ntacire birarura twebwe abene gihugu ntizobihanganira.nabo b,amakoti ni baduge muri interieur tura ko bazorara.i buja bahagira ikirimbiro kuko bahafise ba se na banyina na barufyiri.

  • Abo 3 bambere ntananumwe yaronse iciyumviro ashikiriza!

  • @burundi ariko bigendagute kugira igihugu kibemwo abanyabwoba gushika kuri amina !!!!!???sindi buvuge ibigugu!!!Nkuruziza ashobora kutwara abantu bose gusega bagasiba akazi????ariko akoresha amahera yabanyagihugu!!!! Bishwe nizara !!!ariko abarundi muri inyuma yankuruziza murakomeye mumitwe!!!aho gusaba imana kugira abahe icomugaburira abanyagihugu ??? Ariko imana yaremye aba DD !!!ewe burundi urababaje ariko iyomana mukinisha ndabarahiye izobakuramwo imisokoro mumagufa yanyu

  • Iyo mana (apana Imana) bavuga izoteba isendwe!Imvugo siyo ngiro!Raba kuri iyi lien:
    http://www.youtube.com/watch?v=0aPcv0wK74k

  • Akavuze wa wundi ngo murarabe ivyo mvuga ntimurabe ivyo nkora.mbe Wewe ubwawe urakunda igihugu?ko Micombero yica abahutu agasahura ,igihugu,Bagaza nawe genocide interctuelle agasahura ,buyoya akica abahutu agasahura,na wew kuva ufata igihugu abahutu urarigita ugasahura amatungo ya leta atacamira ,none uko niko gukunda igihugu utwigisha ,emwe umupfu ntiyinukira,naho abarundi batobato tutize uko ni ukudukindaga.kandi uwutazi ubwenge ashima ubwiwe

  • ego wandits inkuru ariko harivyo twari dukeneye kumenya utashizemwo: ikibanza yabereyemwo,uwo muvugabutumwa uwariwe,...

  • jewe hara ho nibaza ko barya IMITI ,AHO MURABONA NEZA IVYO dd YATUZANIYE ? kumara abantu ?GUSHIKA AHO BACA UMUTWE UMUNTU BAKACA BAWUNYAKO? IYUNVIRE VRAIMENT AHO GA DD ntimumaramara?ndibaza ko aba CNDD -FDD Bumutima bavuyeyo bakwirikiye abandi?babonye ko DD yataye Intumbero .Vayo rero Tuwuhebere ABO BICANYI hAMA TUBASEZERERE.hAMA UBUTUNGANA BUKORE. cndd -FDD RAMBA .

  • Ariko ico nabonye ni uko abarundi mukunda kurya urabona ukuntu muba mwiteretse ivyo murya ahantu hose mwagiye muza mwariye iwanyu kugirango mutavanga ivyo kurya na gahunda zabazinduye. erega hariya bamwe ntibumva amasengesho baba batekereza ivyo barya gusa.

  • ahaaa biratangaje pe ababandi ngo batunganije ibikorane imana yaragowe kuko nabasuma barayitakambira ngo bashikane.nkurunziza nakamaramaza umuntu wumugabo muzima arashobora kunanirwa nugufata icemezo arumuntu wumugabo kigafatwa nabandi bagabo baramugaya nabonyene kbs imana nayo nibayikinishe gose yaratanguye gushishwa hasigaye koyerekana ububasha bwayo sindabbesha cdd fdd baragowe ivyobakora bizobagarukaho ntakazoza kimbere birondereye intahe izoruhikore kweli nibibereho,,,,,,

  • hahahahhaha ibi nibyo RUDAHIGWA mpora nivugira mukantuka ngo ndi umunyarwanda, ariko nimumbwire namwe ubu akazi kahagaze ngo basenze iyo basenga muri week-end Imana ntiyarikubumvira amasengesho? ikigira kabiri, ibintu byo gutegura kabisa byarabihishe urabona ukuntu decolation imeze nabi?? ikindi mperezaho, mwibazako abazungu banezezwa no kurya mu manama nkayo ngayo???? sha barabaseka nuko mutagira uwubakosora nako ubakosoye muvugako yirata. Ariko murabeshera ubusa Kagame abarusha kwifata rupfasoni shaaa niyibereho umwana w’Umututsi,intore irwana mub’imbere rudatetereza abamukurikiye. Rwanda oyeeeee oyeeee oyeeee kandi muri 2017 Kagame azaba ari Mzeee wa nchii azajye atanga inama ku bategetsi bamusimbuye naho Petero nkuru aracarwana no guhindura ibwir...zwa shingiro ngo yiyuzurize umufuko nako igifu ciwe

  • Numva Président Dufise ubu afitiye imigambi yakazoza igihugu,abatwaye (40ans)irenga,igihugu baracononye,ubu tuba duteye imbere cane none ko abari kuba baragiteje imbere babishe bakabamara ,ibuka:Rwagasore, Kamatari, Ngendandumwe,Gahutu,NDADAYE, Kabushemeye,n’abandi beshi nkaNtibantunganya Umuhumure arabizi. Peter,yagomba kugerageza ariko abishe abo navuze aho hejuru bomufata bomuhekenya!!!Barararinda bomugira nka Ndadaye,nahovyoba uko,abaa Ndadaye ntiboba baheze Kuba hari,abapfa mugihugu erega ni Kw’isi! mu bwami bwa YEZU gusa niho hatazobayo ubwicanyi. Nibareke kwandika amajambo y’agasuzuguro, ahubwo nibaterere ivyiyumviro bituma abarundi tubona kumwe kazoza keza k’abana bacu (vision2025etplus) agasuzuguro k’urya munyarwada aguma ahaya Kagame,ugira ashimwa nabose?Na Peter Hariabarundi n’abanyamahanga benshi bamwemera.Urazi Abanyarwanda bagowe! démocratie s’ugucokorana? reka gutereraivyumvir abarundi Heza ivyanyu ,abarundi bapfa ivyabo kandi ? mu binyamakuru siho bakurira umukuru w’igihugucinjiye décratie.

  • ICO NIYUMVIRA NUKO IGIHUGU CORONKA AMAHORO

  • ICO NIYUMVIRA NUKO IGIHUGU CORONKA AMAHORO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.