Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI : Abatiyandikishije ubwa mbere bongewe ikiringo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > CENI : Abatiyandikishije ubwa mbere bongewe ikiringo

CENI : Abatiyandikishije ubwa mbere bongewe ikiringo

samedi 31 Nzero 2015, par IGIHE

Mw’itangazo ryasomwe na Petero Karaveri Ndayicariye umukuru w’umurwi CENI, mw’isozerwa ry’inama yahuje abegwa n’ikibazo c’amatora bose, abatiyandikishije mw’iyandikwa rya mbere bongewe ikiringo c’iminsi itatu, ariko ico gikorwa kikazoba ari uko intonde mfatakibanza z’abiyandikishije ubwa mbere zibanje kumanikwa.

Muri iyo nama y’iminsi ibiri yari yatunganijwe n’umurwi CENI, kari akaryo ko kurabira hamwe ingene iyandikwa rya mbere ryagenze, bongere bahanahane ivyiyumviro vy’ukungene boha akaryo abatashoboye kwiyandikisha kubera imvo zitandukanye. Muri iyo nama, hagaragara ukutabona ibintu kumwe ku cerekeye ico kibazo co gusubira guha akaryo abatiyandikishije mw’iyandikiwa ryaheze. Bamwe bari bafise amakenga ko mu gihe amakosa yari yakozwe atakosowe, kandi n’abagize umurwi CENI, ama CEPI n’ama CECI, akaba ari yayandi nyene, bagashobora gusanga amakosa yabaye mw’iyandikwa rya mbere ashobora gusubirwamwo ukuri kwamye mbere agasumvya n’aya mbere. Abandi nabo bavuga ko kwima akaryo ku batiyandikishije kandi babifitiye uburenganzira ari uguhonyanga agateka kabo. Nk’akarorero umugambwe UPRONA, FRODEBU n’urunani COPA bari bamenyesheje ko ico kiringo kindi kidakenewe, mu gihe muri FRODEBU NYAKURI, OLUCOME, ONELOP, hamwe na COSOME bo bavuga ko iryo yandikwa rikenewe kuko ari uburenganzira bw’abanyagihugu bwo gutora. Inyuma y’impari nyinshi, harasomwe icegeranyo c’ivyasabwe (Recommandations) n’izo mpande zose.

Umukuru w’umurwi CENI Petero Karaveri Ndayicariye yahavuye asoma itangazo ryo gusozera iyo nama, amenyesha ko bibaye ngombwa ko ico kiringo congerezwa, bagaha akaryo k’iminsi itatu ku batiyandikishije. Inyuma y’aho rero n’abari bashikirije ivyiyumviro bitandukanye bahavuye bashima iyo ngendo y’ukwongereza ikiringo c’ukwiyandikisha.

Nko muri CNDD –FDD, umukuru w’uwo mugambwe Pascal Nyabenda avuga ko n’ubwo batashaka ko iryo yandikwa rindi riba, ko bashimye kuko vyahurijweko na benshi. Asaba ko vyotegurwa neza, ico gikorwa ntikizane induru canke ingorane, nk’uko vyabaye mw’iyandikwa rya mbere.

Muri UPRONA irongowe na Concilie Nibigira bamenyesheje ko batashaka iryo yandikwa, ariko ko bashize aho benshi bashize. Conciliya Nibigira ati : "Ndizera ko utunenge twagiye twibonekeza mw’iyandikwa rya mbere tugiye gukosorwa. Uwo arongoye UPRONA yemewe n’ubutegetsi akavuga ko ashima ko iryo yandikwa rizoba hari abantu barihagarariye kugira ntihasubire kuba utunenge nk’utwibonekeje mw’iyandikwa rya mbere.

JPEG - 18.7 ko
Concilie Nibigira, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Muri FRODEBU Nyakuri, muganga Minani Yohani arongoye uwo mugambwe, yashigikiye ko iryo yandikwa ribandanya, agashima ko basubiye guha akaryo ko kwandika abatiyandikishije. Ikindi muganga Yohani Minani ashima n’uko bazoronswa intonde z’abazoba bamaze kwiyandikisha.

Mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bashimye, Njangwa Becaud wo muri ONELOP akaba yari asanzwe ari mu baharanira ko abatiyandikishije boronka akaryo, ati : "Iyo wankiye umunyagihugu kwiyandikisha ni nk’uko uba uhonyanze uburenganzira bwiwe."

Muri COSOME, Justine Nkurunziza arongoye iryo shirahamwe arashima, ariko agasaba ko hokora ubuhinga bwa none kugira amahinyu yibonekeje ntasubire, n’ubwo mu murwi CENI bavuga ko ubwo buhinga butwara uburyo bwinshi. Justine Nkurunziza abandanya asaba kandi ko ivyasabwe vyoshirwa mu ngiro ntibibe nk’ayandi manama yagiye aba, ibivuyemwo ntibishirwe mu ngiro.

JPEG - 24.1 ko
Justine Nkurunziza arongoye COSOME

Mwomenya rero ko uko kwiyandikisha kuzotangura ari uko muri CENI babanje kumanika intonde z’imfatakibanza, bakaraba ko hatariho abiyandikishije kabiri canke karenga.
Tubibutse kandi ko urwo ruganda rwamaze iminsi ibiri kuva kuwa 29 Nzero gushika kuwa 30 Nzero, hakaba hari hatumiwemwo impande zose, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, imigambwe, abafasha Uburundi, amadini n’amashengero, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, n’abandi bose begwa n’ikibazo c’amatora mu Burundi.


Floxella Karire

Messages

  • Kuva iyandikwa ryambere ribaye haraciye imisi itarimike,ariko tuzoza twumva hirya no hino abo mumashirahamwe ngo adaharanira ivya politike canke muri ADC-ikibiri na RANAC bavuga ngo abanywanyi babo ntakarangamuntu baronse muriyo misi 3 yiyandikwa

  • DUSAVYE AMAKUNGU, NABO BOSE BABISHOBOYE, GUFASHA UBURUNDI N-ABARUNDI MURI AYA MATORA YIMIRIJE, MU GUTANGA UBURYO BUKWIYE, BIME AMATWI ABAVUGA AYA MUHE, AMATORA ASHIKANE ABARUNDI KU NTWARO ISHIMISHIJE IRIMWO ABASHINGANTAHE, N-ABAKENYEZI BESEREWE MU KUVUGA UKURI NO GUHARIRANIRA .

  • Ese vyokwama bigenda uko nyene kubibazo bihanze igihugu cacu. Urabona ukuntu ari vyiza iyo uwo ariwe wese ashima ibibaye. Ivyo vyobera icigwa abantu baciyumvira ko kwigungirako ibintu ariwo muti. INAMA ISUMBA INGIMBA. Turindire turabe ishigwa mu ngiro naryo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.