IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > CENI yiyemeje gutegura amatora adahengamye mu mwaka w’2015

CENI yiyemeje gutegura amatora adahengamye mu mwaka w’2015

mardi 18 Kigarama 2012

Abagize umugwi mushasha CENI utegura amatora yo mu mwaka w’2015 babisikanije n’abahahora. Biyemeje gukora bisunze amategeko kugira ntihagire umugambwe n’umwe uzokwisokora mu matora nk’uko vyagenze mu mwaka w’2010.

Pierre Claver Ndayicariye arongoye umugwi CENI w’amatora yo mu mwaka w’2015 yemeje ko atakindi we n’abo barikumwe bazoshira imbere atari amategeko agenga amatora mu ntumbere yo gutsimbataza intwaro rusangi. yavuze ati’’ Jewe nzokurikiza amategeko agenga amatora. Hageze guhindura ibwirizwa ndhingiro n’ayandi mategeko, abo vyega bose bazoterera bahanahane ijambo ata n’umwe akumiriwe’’.

Uwo arongoye CENI arikumwe n’andi bane bagiye gukorana, yamenyesheje ko azokwihutira kubonana n’abarongoye imigambwe yose cane cane iyitavuga rumwe na Reta kugira bose bazokwitabe amatora. Yemeje ko azokora uko ashoboye maze ntihagire umugambwe n’umwe wisokora mu matora nk’uko vyagenze mu mwaka w’2010 . ico gihe, imigambwe irenga 15 yagize urunani rwitwa ADC-Ikiri hanyuma ica irakura akarenge mu matora.

Abatamwemera co kimwe n’umuvugivi w’uwo mugwi Prosper Ntahorwamiye, yababwiye ko botenyenya bakamurabira kuvyo azokora. Yavuze ko atanakimwe bashobora guhindura kuko abagize umugwi CENI bamaze kwemezwa n’umukuru w’igihugu hamwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Pierre Claver Ndayicariye aremeza ko amatora yo mu mwaka w’2015 azogenda neza, mu bwigenge ntangere.

kw’ifoto:Pierre Claver Ndayicariye,arongoye CENI


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.