Accueil > Poritike > Imigambwe > Denis Karera yagiriza urwaruka rwo muri ADC ko rurwiza amajambo
Denis Karera yagiriza urwaruka rwo muri ADC ko rurwiza amajambo
jeudi 7 Munyonyo 2013
Inyuma yaho urwaruka ruhurikiye mu migambwe iri mu runani ADC Ikibiri bashikiririje urwandiko umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ikinyamakuru IGIHE cashatse kumenya ico umukuru w’urwaruka ruri ku butegetsi Denis Karera abivugako, mu gihe uwaserukiye Uprona muri iyo nama yavuze ko hari rumwe mu rwaruka rukoreshwa n’abanyepolitike ku mugaragaro nko mu ntara za Bubanza n’ahandi.
- Denis Karera arongoye imbonerakure ku rwego rw’igihugu
Muri urwo rwandiko rwashikirijwe umurwi ujejwe amahoro n’umutekano muri ONU, urwaruka ruhurikiye muri ADC Ikibiri ruvuga ko rurara ntibuca, rugaturatuzwa n’Imbonerakure, ndetse bo bakavuga ko urwo rwaruka rwa CNDD FDD ubu rusigaye rwigenza nk’aho arirwo rwasubiriye abajejwe umutekano. Denis Karera, umukuru w’imbonerakure ku rwego rw’igihugu avuga ko ayo majambo atari ubwa mbere bayumva, ikibatangaza ari ukubona urwo rwaruka rwo muri iyo migambwe ica inyuma y’ivyari bitegekanijwe kuvuganwako muri BNUB, bakazana ibindi, kandi bama bavuga minsi yose. Amenyesha ko icari cabahamagaje, kwari ukubazwa namba bashima ibikorwa vy’amwe mu mashirahamwe yegukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU, harimwo na BNUB, namba boba bashima ibikorwa vyabo. Karera Karera akagiriza urwo rwaruka ruri mu migambwe itavuga rumwe na Reta kugomba kurwiza amajambo, mu gihe bama babahamagarira kwicarana nabo, kugira batorere umuti urama ibibazo bihanze igihugu. Harimwo ikibazo c’irwirirana ry’abantu, ibura ry’akazi, guhagurukira ingeso n’imico y’urwaruka biriko biratituka, n’ibindi.
Ku kibazo c’uko Imbonerakure zoba zisigaye zikora nk’aho arizo zoba zarasubiriye inzego z’umutekano, Denis Karera avuga ko umushikiranganji w’umutekano w’abanyagihugu aherutse kuvyivugira ko inzego z’umutekano zikora akazi kazo neza kandi ko gushika n’uyu munsi zitararengerwa n’ibikorwa vy’Imbonerakure. Ariko ko umuporisi yumva yarengewe, yoshikiriza umwambaro w’igipolisi agatanga imihoho.
Karera rero avuga ko ata rwaruka arongoye ruri hejuru y’amategeko, ko uwugize ikosa wese yohanwa ku gatwe kiwe, kw’izina ryiwe, atari ku gatwe k’umuhari arongoye.
Kubona urwaruka rwo muri ADC Ikibiri rwashikirije urwandiko umurwi w’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyoba bibateye ubwoba, avuga ko bavuze ivyo bama bavuga. Karera akavuga ko yashikirije ukuri ku bijanye n’amahoro mu Burundi, kandi ko nabo bari baje bava muri ONU bavyiboneye ko Uburundi bugendwa, ubu bitandukanye no mu minsi iheze. Ati : "Umunyengagara arava mw’ijoro hagati mu Kamenge, n’umunyakamenge agateramira mu Ngagara, agataha igicugu kiniha, atawumuriye urwara.
Ku bijanye n’uyo mubonano rero, mu mugambwe w’Abadasigana Uprona bavuga ko bashikirije bo ibivurwa, haba ijambo ryashikirijwe na nyakubahwa umukuru w’igihugu c’Uburundi mu bikorwa vyo kwugurura inama y’abafasha uburundi, ijambo ryashikirijwe na kizigenza mu mugambwe wabo mu rwandiko yahaye abanyamakuru ku wa 4 Munyonyo uyu mwaka , eka ndetse n’irindi ryavuzwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Busokoza Bernard, ku bijanye n’ukwubahiriza urupapuro rw’inzira rwumvikanyweko na bose. Kuri ivyo vyose rero akavuga ko atari ibinyegezwa, n’abarongozi b’igihugu babizi, ndetse nabo nyene bavyivugira.
Igihe urwo rwaruka rwari ruvuye muri uyo mubonano kuri uyu wa 5 Myandagaro, umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye urwaruka rwa JRR mu gisagara ca Bujumbura yatubariye ko yavuze cane ku bijanye n’urwaruka rukoreshwa n’abanyepolitike, avuga ku bijanye n’ubutungane butigenga, ku bijanye n’ukutihanganiranira muvya politike, kwubahiriza urupupuro rw’inzira rwumvikanyweko n’abanyepolitike, co kimwe n’ukudakomakoma ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi hatabajijwe bose harimwo abanyamigambwe co kimwe n’abari mu mashirahamwe yigenga, eka n’ibura ry’akazi ku rwaruka rw’Uburundi.
Umushingwamanza Nitegeka Patrick akaba avuga ko kubijanye n’ugushihana kwa bamwe mu banywanyi b’imigambwe itavuga rumwe, bizotuma igihugu c’Uburundi kidatera imbere. Kuko urwarukaarirwo Burundi bw’ejo rukwiye kuja hamwe rugategurira kazoza keza hamwe, atari ukugisambura umwe wese ukwo avyumva.
Yaba umushingwamanza Patrick Nitegeka canke Denis Karera arongoye Imbonerakure, bose barahuriza ko hakwiye kujaho ihuriro, ryohuriramwo urwaruka ruva mu migambwe yose, mu ntumbero yo kuja hamwe kugira bategurire ineza nziza igihugu, mu gihe urwo rwaruka nyene arirwo rugifise inguvu nyishi, n’igihe kirekire imbere yabo, ngo batsimbatarize ubwiza Uburundi. Eka ndetse bakaba abashima bose ko ibikorwa vy’amashihamwe yegukira ONU mu burundi ari vyiza, naho uwaserukiye Uprona n’uwaserkiye CNDD FDD batahuje muri iyo nama mu bijanye na politike, imibano n’ubutungane. Ariko rero umushingwamanza Nitegeka akaba avuga ko ayo mabi yose yayadondaguye mu ntumbero yo gusaba ko ONU yogumiza ijisho ku Burundi.
Aristide Nizigire
Messages
7 Munyonyo 2013, 11:31, par Police sans
kubijanye nurwo rwaruka rwimbonerakura simbeshere rwigira reta yuburundi ko umushikiranganji avuga yuko umupolise binaniye atange imihoho natwe tugiye kubishira mungiro ntibaze bazane amacakubiri mugipoice nkuko vyaribihitiye...!!